Ubuserukizi bw’Uburundi mu Burusiya busaba abarundi kurungika ivyo bahinguye mw’ihayanishwa

0

Ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu c’Uburusiya bumenyesha ko bwatanguye kuganira n’abafasha mw’ihayanishwa ry’ibikrwa vy’abahinga kugira Uburundi buronswe ikibanza co kumenyekanhirizamwo ivyakozwe n’abahinga b’abarundi.

Mw’itangazo ryagiye ahabona kuri uno wa kane igenekerezo rya 2 Ntwarante,umwaka wa 2017, ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu c’Uburusiya busaba abahinga b’abarundi bavyipfuza kurungika ivyo bahinguye kugira bizoje mw’ihayanishwa.

Muri iryo tangazo, ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu c’Uburusiya bumenyesha ko ibikrwa vyose vy’abahinga birabwa niryo hayanishwa, ari amafoto,indirimbo, ibishusho n’ibindi.

Iryo hayanishwa rizotangura kw’igenekerezo rya 14 Ntwarante rirangire kw’igenekerezo rya 16 Ntwarante, umwaka wa 2017.