Uburusiya n’Ubushinwa Birabandanya Bikingira Siriya Ibihano.

0

Ejo ku mugoroba wo ku musi wa kabiri, ibihugu vy’Uburusiya n’Ubushinwa vyarakoresheje uburenganzira bifise kugira bizibire ingingo y’urwego rw’ishirahamwe ONU rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi igenewe gufatira ibihano Reta y’igihugu ca Siriya kubera cakoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara ku banyagihugu bayo, ivyo tukaba tubikesha ikinyamakuru The Guardian.

Bwabaye ubugira indwi mu kiringo c’imyaka itandatu y’uruhagarara rwa politike muri Siriya, Uburusiya bukoresha uburenganzira bufise kugira bukingire umukuru w’igihugu ca Syria Bashar al-Assad.

Inama Y’Umutekano ya ONU

Igihugu ca Boliviya kuri mu rwego rwa ONU rujejwe kwuhabiriza amahoro n’umutekano kw’isi naco nyene carazibiye ingingo y’urwo rwego igenewe gufatira ibihano Reta ya Siriya, mu gihe ibihugu vya Misiri, Etiyopiya na Kazakistani vyahisemwo kudatora kuri iyo ngingo.

uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Nikki Haley, yatangaje ko bibabaje kubona Uburusiya n’Ubushinwa vyahisemwo gukingira intwaro y’Umukuru w’igihugu ca Syria Bashar al-Assad.

Ubwongereza, Ubufaransa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, vyamaze amezi atari make bitunganya integuro y’ingingo igenewe gufatira ibihano Reta ya Siriya.

Uwuserukira Ubwongereza muri ONU, Matthew Rycroft, yarerekanye ko ashavujwe n’ukubona iyo ngingo itarenganye.