Uburusiya na Turkiya: Bigwaniriza hamwe Leta ya Kiislamu.

2

Ubwiyunge bushasha kandi budasanzwe bwibonekeje mukugwaniriza hamwe umurwi w’iterabwoba wa Etat Islamique wo muri Syria: Uburusiya na Turkiya.
Mugabo abihweza utuntu nutundi bavuga ko ukwo kuja hamwe gufise aho kugarukira.

Mu gihe isi yose ihanze amaso Leta zunze Ubumwe za Amerika, aho Umukurtu w’Igihugu mushasha yatowe Donald J. Trump arahira kugira atware Leta Zunze Ubumwe za Amerika kuruyu wa Gatanu igenekerezo rya 20/01/2017,hariko haribonekeza amaterambere kuvyerekeye intamabara yo muri Syria.

Ku musi wa Gatatu ,abasoda bo mu gwego rwo hejuru b’Uburusiya baravuze ubwiyunge bwa mbere hagati ya Turkiya n’Uburusiya mukurwaniriza hamwe Etat Islamique.Bavuze ko indege z’intambara icenda z’Uburusiya na Turkiya zagize uruhara mugitero co kurwanya uwo muhari muntara ya Aleppo muri Syria.

Nikindi, nukuja hamwe kwa mbere Uburusiya bugiranye n’Igihugu kiri muri wa Murwi wo Kurwaniriza Umwansi Hamwe OTAN, mu gihe OTAN iriko irakwiragiza abasoda bayo mu Buraya bw’Ubuseruko kugira biyamirize Uburusiya; mukamenya ko igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika giherutse kurungika ingabo 3000 zaco muri Pologne kurubibe rwico gihugu n’Uburusiya. Uburusiya bukaba butashimishijwe niyo ngingo ya Leta Zunze Ubumwe Za Amerika.

Ingabo za Amerika zinjira muri Pologne

2 COMMENTS

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here