Uburusiya Burabangamiwe n’Ingabo za OTAN ziri ku Rubibe Rw’ico Gihugu!

0

Uburusiya bubona ko bubangamiwe n’ukugwirirana kw’ingabo za OTAN( Organisation du Traité de l’Atlantique Nord : ni ukuvuga ukuja hamwe kwibihugu vyo mu burayo na Amerika ya Ruguru kugira bigwanirize Umwansi hamwe), mu bihugu vya Baltike bihana urubibe n’Uburusiya, muri Pologne no mu Budagi n’ibikoresho vya Gisirikare bikomakomeye, kandi buvuga ko budafise amakuru ku vyerekeye ukuntu na ryari iryo yongerekana rizohera, nkuko tubikesha Ikinyamakuru mpuzamakungu RIA c”Uburusiya cabivuze kuruno musi wa kane.

Ingabo za Amerika muri Pologne

Ikinyamakuru RIA casubiyemwo ivyo Umushingamateka w’ububanyi n’ayandi makungu w’uburusiya Alexei Meshkov avuga ko Ubutegetsi bw’uburusiya buriko buravyihwereza hafi kandi buzokwiyemeza ko umutekano wabwo utabangamirwa.
Alexei Meshkov avuga ati:” Iri rwirirana mu vy’ukuri ni intambamyi kuri twebwe, kandi ninde yavuze ko bizorangirira kuri ibi? Nta makuru nkayo dufise. N’ubwa mbere kuva Intambara bise Guerre froide irangiye tubonye Abasoda b’Abadagi ku mupaka w’igihugu cacu ».

Alexei Meshkov

Ivyo Meshkov abivuze inyuma yaho kandi Leta Zunze Ubumwe Za Amerika zitwariye ingabo zirwana ibihumbi hamwe n’ibigwanisho bikomakomeye muri Pologne, mu bihugu vya Baltike no mu Bumanuko bushira ubuseruko bwa Buraya, bikaboneka ko ari ingabo nyinshi kuva intambara Guerre Froide yarangira mu 1992.

Ingabo zirwana z’Abadagi nibigwanisho bikomakomeye vyitezwe ko bizokomeza igihugu ca Lituanie muri uku kwezi kubw’umugambi wa OTAN, bikaba vyategekanirijwe ku gukingira ibihugu vya Buraya inyuma yaho Uburusiya bwonkoreye Intara ya Crimée kuri Ukraine bukayigarurira mu 2014.

Ivyo biruko mugihe kuruyu musi wa kane kandi Uburusiya bwavuze ko igihugu ca Roumanie, igihugu kiri ku mupaka n’Uburusiya, ko ari “inderetsi” ya OTAN kubera ko ico gihugu kibitse ibikoresho vyo kwirinda no gusambura Missiles vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika.