Mu nama n’abarundi bo kumugabane wa bulayi yabereye muri Swède kuwa 1 Ntwarante 2025,Alexis Sinduhije Atwara umugambwe MSD utavuga rumwe na Leta y’uburundi yijeje abarundi ko naho barushe,azohindura uburundi kugeza aho amakungu azoza kuratira ijisho.
Agira ati:”kirya Gihugu tuzokigira igihugu ciza amakungu yose azoza araza kuratira ijisho”.

Alexis Sinduhije atwara umugambwe MSD utavuga rumwe na Leta usanzwe ukorera mu buhungiro kuko wahagaritswe kubutaka bw’uburundi yararemesheje ikiganiro ku barundi bari bari ku mugabane wa Burayi aho yagarutse kuri bimwe mu vyokorwa mu kubohora uburundi no kubivurwa ku muhari red Tabara hari kw’igenekerezo rya 1 Ntwarante 2025 muri Swède.
uwo arongoye umugambwe MSD yargaruyse ku magorwa abarundi barimwo,inzara ,ibitoro iduga ry’ibiciro,n’ibindi.ariko abizeza ko bitebe bitebuke bazobivamwo kuko ibihe abarundi bariko baracamwo n’ibindi bihugu vyo mu karere vyahaciye.
Atanga akarorero ku gihugu ca Uganda aho mu myaka ya 1978-1986 baciye mu bihe biteye ubwoba ariko ubu akaba ari igihugu kiriko kiraduga neza.mbere n’urwanda rwaciye mu bihe bigoye kugeza aho haba ihonyabwoko ry’abatutsi ariko ubu n’igihugu cifashe neza mu makungu.
Alexis Sinduhije yararemesheje abarundi barushe mbere abizeza ko azokubaka uburundi kugeza aho amalungu azoza kuratira ijisho.
Agira ati:”Kirya gihugu tuzocubaka kugeza aho amakungu azoza araza kuratira ijisho”.
Kukibazo c’umuhari Red tabara sinduhije awuvugako iki??
Kuvyerekeye umuhari Red Tabara,Alexis Sinduhije yemanga ko umuhari Red Tabara ugizwe n’amoko yose bafise intumbero imwe yo kubohora uburundi.Aha arongera akabita intwari kandi ko red Tabara wakomotse ku mugambwe Msd.
Iki kibazo yakunze kukibazwa mu biganiro vyinshi haba kubuhinga ngurukana bumenyi n’ahandi ko yoba ariwe arongoye umuhari Red Tabara ariko akabihakana ariko ubu yaravyemanze ko Red Tabara abazi neza kandi ko anabashigikiye.
kuri iki kibazo nyene ca Red Tabara,Abarundi barashatse kumenya icatumye Red Tabara itungwa urutoki mu bwicanyi bw’agahomerabunwa bwakorewe abanyamurenge bo muri kongo ariko Alexis Sinduhije akemeza ko atamusi wa rimwe Red tabara umu sivil.ko abavyagiriza Red Tabara ari kuyambika ibara.
Kucerekeye ibiganiro Alexis Sinduhije abivugako iki?
Aha aratanga umuco ko iyo havuzwe ibiganiro hari abibaza ko ashaka ibibanza,amagaburanyama,ariko avuga ko igituma asaba Ibiganiro ari kugira hatunganywe amatora meza ahurikiyrmwo bose,atunganijwe neza,atarimwo ubusuma uwutsinzwe akemera ko yatsinzwe,uwatsinze agatwarira bose.
Alexis Sinduhije ari mu banyepolitike bahunze igihugu,mbere umugambwe wiwe urasamburwa aho mbere n’abanywanyi bawo benshi bishwe abandi barangazwa abandi bakaba bagipfungiwe mu mababohero atandukanye mu gihugu.
Leta y’uburundi ikaba ifata Alexis Sinduhije nk’umwe mu bakeba bakomeye bari hanze y’igihugu akagirizwa kandi gushigikira umuhari red Tabara.





Recent Comments