Uburundi Sico Gihugu Conyene Kitaserukiwe Mu Nama Y’Ubumwe Bwa Afrika I Kigali.

0

Naho Uburundi bwatanze impamvu zatumye butitavye Inama idasanzwe yariko ibera i Kigali ku bijanye no gushiraho isoko rusangi ya Afrika(African Continental Free Trade Area (AfCFTA), hari n’ibindi bihugu vya Afrika bitaserutse ngo bisinye ayo masezera masezerano yo gushiraho isoko rusangi.

Muri ivyo bihugu harimwo ibihugu vya Afrika bitasinye ayo masezerano yo gushiraho isoko rusangi ya Afrika (African Continental Free Trade Area (AfCFTA)) ni Afrika y’Epfo, Nigeriya, Botswana, Lesotho, Namibia, Zambia, Eritrea, Benin, Sierra Leone na Guinea Bissau. Uburundi rero bukaba buri mu bindi bihugu bitasinye ayo masezerano naho biboneka ko ari uruhombo ku gihugu c’Uburundi.

Hari impamvu nyamukuru zatumye Uburundi budaserukirwa muri iyo nama i Kigali. Ubu ibihugu vyahoze ari ibigenzi bisigaye birabana ayingwe. Impamvu zikaba ari uko “kuva mu mwaka wa 2013, Urwanda rwamye rushigikira ibikorwa vy’iterabwoba biza guhungabanya Uburundi.ku buryo abaserukira Uburundi batoja mu Rwanda kubera umutekano wabo muto na rirya Urwanda rusanzwe rubitse inkozi z’ikibi zashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015...”, niko Allain Diomède Nzeyimana , icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihgugu yamenyesheje.

Iyindi mpamvu yatumye kandi Uburundi budaserukirwa i Kigali ikaba ari uko ” Urwanda rubandanya rumenyereza mu vya gisirikare impunzi z’Abarundi, harimwo n’abana bakiri bato, baheza bakaza guhungabanya Uburundi”.

Ivyo vyagirije vyose vya leta y’Uburundi ku Rwanda bikaba bihakanwa na leta y’Urwanda nyene, kandi nayo ikagiriza Leta y’i Bujumbura kubika inkozi z’ikibi z’interahamwe zagize uruhara mwira mw’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda mu 1994.