UBM News ads UBM News ads
Tuesday, June 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Uburundi ntibwigeze kugira umugisha nk’uwo bufise uyu musi-Varisto Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu Vristo Ndayishimiye yaraye atangaje ko uburundi butigeze buronka umunezero n’umugisha nkuwo bufise uyu musi nku ntwaro yiwe.kubwiwe asanga uburundi bwose bwarashoboye kuronka umwimbu utari bwigere uboneka mu burimyi mbere no kuzindi ntwaro akibaza nimba bazobirya bakabimara.Ibi yabishikirije kuri uwu wagatandatu mu ntara ya Gitega mu kwibuka ku ncuro ya kane urupfu rw’umuhisi Petero Nkurunziza.


Igenekerezo rya 8 ruheshi uburundi bwaributse ku ncuro ya 4 urupfu rw’uwahoze arongoye igihugu Petero Nkurunziza.muri ivyo birori vyakurikiwe n’inyigisho zatunganijwe n’umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye ku ndongozi zagenywe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu kuvyerekeye imbona kazoza ya 2040-2060.

Muri izo nyigisho umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye yaragarutse kuvyerekeye uko igihugu cifashe muri bino bihe aho yamenyesheje ko uburundi bwarose umwimbu urenze mu gihugu cose mbere kuri we abona ko bizogora nuko abanyagihugu babimara.Ndayishimiye avuga ko uburundi ari agahugu gato ko muri Afrika y’ubuseruko ariko katigeze gahezagirwa nkuko uyu musi kari kandi ko abarundi vuba bagiye kwigenga mubvyo ubutunzi.

Ndayishimiye abandanya avuga ko uburundi butigeze buronka umunezero kiretse ku ntwaro yiwe gusa akaba yarashimye Imana yashoboye kwumva amasengesho yiwe.kubwo ingendo aheruka kugira mu gihugu hagati mumisi iheze,Varisto Ndayishimiye avuga ko yasanze intara zose zigize igihugu zarose umwimbu muburimyi urenze.

Varisto Ndayishimiye yagize ati:«Niryo ryambere mbonye umwimbu nkuyu mu gihugu.harabaye umwimbu w’ibigori urenze hamwe n’ibiharage mbere ndibaza nimba abarundi bazobirya bakabimara.Abarimyi mbere vyarabananiye kwimbura vyose bimwe biracari ku misozi.imirima yuzuyemwo ibiharage bikaza vyiyongera ku miceri yuzuye mu myonga umwimbu ni mwishi.»

Naho umukuru w’igihugu avuga ko umwimbu wiyongereye biracagoye kuko igihugu kitagira ama devise uwo mwimbu ntaco uzoza gufasha kugira hashobore kuboneka umuti w’ibibazo bijanye n’amafranga mvamakungu ariko aratuma igitoro kiba umuzi w’ibuye vyatumye mbere n’ibinyobwa vya Brarudi bibura kuko atama devise.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments