Uburundi ntibwemera ivyasabwe n’ubumwe bwa Afrika

0

Reta y’Uburundi iremera ko ibiganiro bihuza abarundi arivyo vyoheza ibibazo vya poritike biri mu Burundi, ariko Reta ikamenyesha ko ivyo biganiro bitegerezwa kurongorwa n’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro uheruka gutorwa.

Inyuma y’umubonano yagiranye na Crispus Kiyonga, umushikiranganji w’Ubuganda w’ukwivuna abansi, Pascal NYABENDA umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yamenyesheje ko ivyo biganiro bizohagarikirwa n’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro, abahunze igihugu nabo bakaba bazokwumvirizwa n’uwo murwi nyene.

ndap

Iyo ngingo ya Reta y’Uburundi itandukanye n’ivyasabwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, bivuga ko ibiganiro vyobera hanze y’igihugu, kandi bigahagararirwa na Kaguta Yoweri Museveni, umukuru w’igihugu c’Ubuganda.
Ku ruhande rw’Ubuganda bwobaye umuhuza, Crispus Kiyonga amenyesha ko uguhanahana ivyiyumviro na Reta y’Uburundi bigiye kubandanya kugira bumvikane ingene umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro wokorana n’umuhuza yahurijweko n’ibihugu vyo mu karere Uburundi buherereyemwo.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ubwicanyi mu Burundi bwiyongereye cane, kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane 2015, igihe Petero NKURUNZIZA ashizwe imbere mu kirongo ca gatatu, mu kibanza c’uguserukira umugambwe CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu, ivyiyamirijwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bamenyesheje ko ahonyanze amasezerano y’i Arusha n’ibwirizwa shingiro.