Uburundi Ku Rutonde Rw’Ibihugu 10 kw’Isi Vyaranzemwo Amakuba Cane Mu 2017.

0

Ishirahamwe CARE Internatioanal ryaraye rishize ahabona urutonde rw’ibihugu 10 kw’isi vyaranzwemwo amakuba menshi cane kw’isi ariko atatangajwe cane n’ibinyamakuru. Mw’iraporo yasohowe na CARE yataziriwe ngo “Suffering in silence”( Gucumukurira mu mpisho), herekanwa ko igihugu ca Koreya ya ruguru, Uburundi na Erithrea vyabayemwo amakuba akaze ku bantu atamenyekanye cane.

Nk’akarorero, ivyabaye muri koreya ya Ruguru vyitaweho gusa mu kumenyesha ko himirije gutera intambara ruhonyanganda, haribagirwa gutangazwa amakuba akaze cane abanya Koreya ya Rugurru bariko bacamwo baba munsi y’ubutegetsi bw’agahahazo.

Ibindi bihugu vyaranzwemwo amakuba akaze cane ariko ntiyitabwaho cane ni Erithrea, Uburundi, Sudani, Afrika yo hagati, Republika iharanira Demokrasi ya Kongo, Mali, Ikiyaya c’ikiyaga Chad( Niger, Cameroon, Chad), Vietnam na Peru.

Ifoto yafashwe na HCR yerekana uko abakenyezi b’impunzi z’Abarundi bakora bagatama cane mu kwegeranya inkwi hanze y’ikambi ya Nyarugusu.

Ishirahamwe CARE International ryarafashe amafoto atandukanye ava muri ivyo bihugu yerekana amakuba akaze abanyagihugu bava mw’ivyo bihugu. “ Turazi ko ifoto gusa imwe ishobora gutuma isi ihindura uko ibona ibintu ku bijanye n’uko ibintu vyifashe vyavuzwe na raporo ya Care International. Amakuba ari muri ivyo bihugu ntabonwa na bose mw’isi, ariko ntibisobanura ko tubibagira na gato naho bitotangazwa mu binyamakuru, niko CARE International yatangaje ejo ku wa 22 Nzero 2018.

Filippo Grandi, arongoye Ishirahamwe ryitaho Impunzi kw’isi HCR yamenyesheje ko ‘uyu mwaka wa 2018 ata kinini citezwe co gutorera inyishu umuti w’ingorane zihanze abantu kubera intwaro mbi ziganje, ubukene butagira izina bubandanya bwiyongera, uguhindagurika kw’ikirere n’ibindi…’ Abandanya amanyesha ko abanyapolitike bakwiye ‘gukora cane maze bakiyemeza ko ayo makuba atamenyekana cane atorerwa umuti’.

Soma ngaha iyo raporo ya Care International urabe ivyavuzwe ku makuba ashikira ibihugu 10 kw’isi harimwo n’igihugu c’Uburundi.