UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Uburundi bwarakuyeho igihano co gupfa!Agathon Rwasa

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushingamateka Agathon Rwasa yahoze arongoye umugambwe CNL avuga ko kunyuruza abantu bakaburwa irengero bisigaye vyimonogoje mu Burundi,agasaba ubutegetsi bw’uburundi gukwirikiza amategeko abantu bafatwe mu nzira zizwi n’amategeko kuko igihano co gupfa carakuweho mu gihugu.ibi abishikirije inyuma yaho hari umukenguzamateka anyurujwe akaburiwa irengero mu ntara ya bubanza.


Kubwo amakuru dukesha imboneshakure Tele renaissance ,Agathon Rwasa avuga ko ata ndwi canke ukwezi guhera hatibonekeje abantu banyuruzwa bakaburirwa irengero.agira ati:«sibwo bwa mbere bibaye canke sibwo bwambere bivuzwe ahubwo ubu vyabaye akaranda mu Burundi nta ndwi ihera nta kwezi guhera utumvise ibintu nka ben’ivyo si ibubanza honyene no mu zindi ntara duhora tuvyumva.aha rero ico nobivugako nuko ubwa mbere na mbere umuntu nimba afise amakosa gufatwa n’inzego zibijejwe n’ibintu bisanzwe hanyuma uko uwo muntu yoba yikekwako icaha afatwa amategeko arategekanya uko biheza ngo bigenda.Ni kuki niyo umuntu bamaze kumufata udaheza ngo umenye aho apfungiwe canke ni kuki tudaheza ngo tubone Leta iriko irakora ngo ivyo bintu bihagarare?»

Rwasa Agathon arongera akavuga ko igihano co gupfa cakuweho mu Burundi agasaba Leta kwitwararika ubuzima bw’abenegihugu bajejwe.agira ati:«Uburundi bwarakuyeho igihano co gupfa mugabo iyo umuntu afashwe hama akaburirwa irengero uwo muntu ugira aba ari muzima?aba yarapfuye.none bimaze iki gukuraho igihano co gupfa hanyuma abantu bakaguma baburirwa irengero ababo bakaguma bizeye ngo bazobona ababo naho shwi!ico nsaba Leta niyibuke ko ariyo ijejwe gukingira ubuzima bw’abenegihugu ababi n’abeza irababazwa umuntu nimba yiketsweko ivyaha nafatwe n’inzego zizwi zibijejwe hisunzwe amategeko uwo muntu ashirwe imbere y’intahe hama intahe imukubise mu gahanga ahanwe!»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments