Umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye avuga ko amafranga y’agaciro uburundi bwahora buronka yahora ava mu gusega ko rero uwahora atanga ayo ma devise yabacukije arico gituma atakiboneka.Kubwiwe abona ko uwo yahora atanga ayo mafranga y’agaciro akwiye gushimirwa kuko yakukije abarundi.Ibi yabivugiye mu ntara ya Kayanza kuri uwu wa gatandatu mu rugendo Caravane inkebuzo.

Umukuru w’igihugu amaze imisi azunguruka intara zitandukanye aho yifatanya n’abanyeshure bari mu buruhuko mu bikorwa vyo guca imikobeko ku misozi mu ntumbero yo gukingira isi ndimwa inkukura.
Kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 13 mukakaro 2024 ,urugendo rwiwe yarugiriye mu ntara ya Kayanza ku musozi kinga aho umukuru w’igihugu varisto Ndayishimiye yaboneyeho kugira ico avuze ku barundi bama bariko baridoga ku bukene bwibonekeza mu Burundi aho yatanze akarorero ku kibazo kimaze imisi mu gihugu c’ibura ry’amafranga y’agaciro ho yavuze ko Leta Atari igi sosiyete bavomamwo amafranga ko abanyagihugu badakoze ata mafranga ashora kuboneke.
Varisto Ndayishimiye akaba yavuze kandi ko amafranga y’agaciro yahora ava mu gusega ko rero abahora batanga ayo mafranga y’agaciro bacukije abarundi mbere ko ko bakwiye gushimirwa kubona baracukije abarundi.
Umukuru w’igihugu yagize ati:«Ndabahe akarorero gatoya abo bidoga ngo mbega ubu bukene tuzobuvamwo ryari,mu misi iheze yari atunze ngo atwereke aho yahombeye duce dusubira kuhavyura?uza wumva umuntu avuze ngo none iki kibazo c’ama devise.none yahora ava he ngo tuje kuyavoma?Ayo ma devise muvuga mwa bagwizatunga mwe muvyumve yahora ava mu gusega!umuntu rero yahora aduha ayo mahera yaraducukije tumukomere amashi.»
Ikibazo c’ibura ry’amafranga y’agaciro catumye hibonekeza igihengeri mu gihugu mu bijanye n’ubutunzi aho mbere vyatumye habura igitoro mu gihugu nayo ibiciro ku masoko biraduga cane kuko abadandaza basanzwe barangurira hanze batoroherwa mu kuronka ama devise yo kuranguza.





Recent Comments