Uburundi Buriyamiriza Abanyaburaya Bamwe Bamwe Bagira Ivya Politike Ivyagateka Ka Zina Muntu Ku Bihugu Vya Afrika.

0

Mu majambo Willy Nyamitwe, Umuhanuzi Mu Bijanye no kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, yashikirije ku musi wa gatanu itariki 23 za Ruheshi 2017, yaravuze ko Uburundi Bwiyamiriza Abanyaburaya Bamwe Bamwe Bagira Ivya Politike Ivyagateka Ka Zina Muntu Ku Bihugu Vya Afrika.

Willy Nyamitwe yaragiranye ikiganiro n’ikinyamakuru Xinhua co mu Bushinwa, aho yariko aravuga uko bakiriye icegeranyo cashizwe ahabona numugwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu ku magenekerezo ya 14 na 15 Ruheshi. Mu ntango z’uku kwezi nimbere yuko iyo nama iba, Willy Nyamitwe yari yamaze kuvuga ko ata ciza citezwe muri ivyo biganiro.

Inyuma yiyo nama yabereye i Geneve, Willy Nyamitwe yavuze gutya : « Ibijanye n’agateka ka zina muntu vyacitse igikoresho gikoreshwa n’abanyaburaya bamwe bamwe ku bihugu bimwe bimwe vya Afrika. Uburundi ntituri twenyene turiko dushikirwa nivyo bintu. Uburundi burabibona, kandi nta na kimwe buzohindura kuri politike yabwo yo kubungabunga umutekano hamwe na demokrasi ».

Willy Nyamitwe: “Ibijanye n’agateka ka zina muntu vyacitse igikoresho gikoreshwa n’Abanyaburaya bamwe bamwe ku bihugu bimwe bimwe vya Afrika“.

Willy Nyamitwe arashima ibihugu bimwe bimwe vya afrika bitagize ico bivuga kuri izo nteguro zisabira ibihano Uburundi, maze avuga ati : « Ndababwije ukuri : Ni Ubumwe bwa Buraya butegura izo nteguro hama bukagira inguvu kugira zije mu ngiro”. Nyamitwe akaba yiyamiriza « umukazo udahera » w’Ubumwe bwa Buraya kugira ngo izo nteguro zije mu ngiro.

Imigenderanire hagati ya Leta y’i Bujumbura n’Ishirahamwe ry’Ubumwe Bwa Buraya itera yononekara bimwe bidasanzwe, bamwe bakabona ko nyabuna Uburundi buriko burikukira mu kugwanya ubukoloni bwa none(Néocolonialisme) mu kubandanya biyamiriza imikazo y’abanyaburaya( Occidentaux). Ariko abandi siko babibona,babona ko ahubwo Leta y’uburundi ari nk’aho iriko ‘iterea imigere ku mihunda’ canke ‘gukubita uwukugaburira’.