Uburundi buri Mu BuKene Budasanzwe Bw’Igitoro Co Mu Bwoko Bwa Essence:Impamvu n’Ingaruka Zavyo.

0

Igihugu c’Uburundi kiri mu bukene budasanzwe bw’igitoro co mu bwoko bwa Essence haraheze indwi bitumwe nuko ata mafaranga y’agaciro akiboneka, nkuko Leta ibimenyesha, mu gihe igihugu cinjiye mu magume ya pilitike n’Ubutunzi hakaba haheze imyaka ibiri.

Mu gisagara ca Bujumbura, igitoro co mu bwoko bwa Essence, icahora kiboneka mu misi itatu au ine mu ndwi imwe,birashika kikabura mu misi ishika kuri ibiri canke itatu mu ma stations amwe amwe, nkuko abanyagihugu baganiriyye na AFP babimenyesha.

“ N’ikibazo kidasanzwe ubu haraheze indwi kuko usanaga hari ama stations abiri canke atatu aronka igitiro mu misi ibiri mu gisagara cose ca Bujumbura”,niko Hassan yabwiye AFP, umushoferi wa taxi afise imyaka 35.

N’igihe cose Station y’ibitoro ironse ico gitoro co mu bwomko ba Essence, iyo nkuru ica ikwiragira hose nk’umuravyo. “Abantu banyonga imodoka bashika mu majana baca baza birukira iyo station. Mu masaha make gusa, nta nima rya essence riba rigisigaye muri iyo station”, niko Hassan abandanya amenyesha.

Ubwo bukene bw’igitoro co mu bwoko bwa Essence bwaratumye ibiciro biduga bukwi na bukwi ku badandaza b’igitoro batobato aho ilitiro imwe yico gitoro “ ishika ku mafaranga 7000 fbu( nk’amadolari 4 y’Abanyamerika) kandi bizwi neza ko leta yashinze igiciro ko ilitiro igurwa 2100fbu( nka 1.3 USD).

Ku ma stations aba yaronse igitoro co mu bwoko bwa Essence, usanga imirongo y’imiduga ari miremire irindiriye kunywa ico gitoro

Igiciro c’abiyunguruza n’imiduga naco caraduze bukwi na bukwi. Benshi mu banyonga iyo miduga bahisemwo kuyishira mumihana hama bakagenda n’amaguru aho bashaka kuja hano mu gisagara ca Bujumbura.

No mu gisagara ca kabiri c’igihugu arico Gitega ntivyoroshe. Nkuko abanyagihugu baho I Gitega babivuga, intara ya Gitega iramaze hafi ukwezi ata gitoro co mu bwoko bwa Essence.

Umuntu umwe yaganiriye na AFP atashatse kwivuga izina yavuze ati: “ Birashika station imwe muri cumi ziri muri Gitega ikaronka nk’amalitiro ibihumbi vy’igitoro ariko mu masaha make kiba gikamye”.

Igihe yahamagarwa n’Inama Nshingamateka kugira asigure “impamvu” z’Ubukenee bw’ico gitoro, Umushikiranganji w’Ubutaka n’Amasoko Ntanganguvu, yarasigute ko ikena ry’igitoro co mu bwoko bwa Essence ritumwa “n’ibura ry’amafaranga y’agaciro( devises)”.

“Kubera ko amafaranga y’Uburundi adakoreshwa mu rudandazwa rwo hanze y’igihugu maze hakaba hakora amadolari y’Abanyamerika, birashika bivanye n’ibihe turimwo, abinjiza ico gitoro bakabura amafaranga y’agaciro akwiye kugira bashobore kwinjiza ico gitotro naho Leta ikora utwigoro kuri ico kibazo”, niko Umushikiranganji Come Manirakiza yasiguye.

Igihugu c’Uburundi kiriko gica mu bihe bidasanzwe vya politike hamwe n’Ubukene. Umu Diplomate umwe atashatse ko izina ryiwe rimenyekana,aragira ico avuze kuri ivyo Uburundi buriko buracamwo, ati : “ Ishirahamwe ry’Ubumwe Bwa Buraya hamwe n’ibihugu biri kumwe barahagaritse imfashanyo bafasha Leta y’uburundi, ariko barabandanije bafasha, bidaciye muri Leta y’uburundi, mu migambi imwe imwe nko kwubaka ama barrages, amabarabara, ibijanye n’amagara y’abantu hamwe n’indero, ibi navyo bikaba vyatumye igihugu c’Uburundi kidaca gitemba buhere”.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here