Uburundi buranegura ko butegekwa aho ibiganiro bibera

0

Mu gihe ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika riheruka kumenyesha ko ibiganiro bihuza abarundi bitegerezwa kubera hanze y’Uburundi, kugira abo vyega bose bazovyitabe, harimwo n’abatakiri mu Burundi, Reta y’Uburundi ivuga ko baravye n’izindi ngingo ziheruka gufatwa na bamwe mu bafasha Uburundi, hari ugushobora kwibaza aho iyo ngingo y’ubumwe bwa Afrika yaje iva.

Reta y’Uburundi imenyesha yakoze utwigoro twinshi, ikemera ko ibiganiro bizohuza abarundi bose yaba abari mu Burundi canke abari hanze y’Uburundi, ariko ikanegura ko yotegekwa ikibanza ivyo biganiro vyoberamwo.

Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu amenyesha ko ukuganira bitigeze bihagarara. Kubw’uwo mushikiranganji, kuba ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rizanye izindi ngingo zishobora gufatirwa Uburundi, hari ugushobora kwibaza namba vy’ukuri itangazo ryasohowe ari iry’inama ijejwe umutekano n’amahoro mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.

alain

Umushikiranganji Alain Aimé NYAMITWE akamenyesha ko aravye ivyaciye bishikirizwa na bamwe mu bafasha Uburundi bavuze ko bashimishijwe n’iryo tangazo ry’ubumwe bwa Afrika, Reta y’Uburundi ishobora kwibaza namba izo ngingo z’ubumwe bwa Afrika zitoba zavuye ahandi, canke ubumwe bwa Afrika bwarabiye ku bandi.

Tubibutse ko mw’itangazo riheruka gusohora, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika risaba ko ivyo biganiro bihuza abarundi vyohagarikirwa n’umukuru w’igihugu ca Ouganda, bikabera mu gisagara ca Kampala canke Addis Abeba.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rikaba kandi ryatanze iminsi mirongo ine n’itanu kugira icegeranyo c’amatohoza ku bwicanyi bukorerwa abanyagihugu mu Burundi kizobe casohotse. Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ibihano bizofatirwa abazokwagirwa n’ubwo bwicanyi hamwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu.

Ivyo bihano bigizwe n’ukubuza ingendo abazokwagirizwa ivyo vyaha, hamwe n’ugufata ubutunzi bwabo (Gel d’avoirs). Mu bazofatirwa ibihano kandi hakaba harimwo n’abazoba bakoresheje imvugo zikwegera abantu mu bugizi bwa nabi.