Agathon Rwasa: Uburundi burakeneye ibiganiro kugira buve muvyo bwahitiyemwo.

0

Kuvyerekeye ibiganiro vya Politike mu Burundi, icegera c’ambere c’Umukuru w’inama nshingamateka ariwe Agathon RWASA avugako ntitworindira ko twikorera imvura y’amabombe kubera ibibazo biri mu Gihugu cacu kandi ibiganiro vyari kubiheza atakirinzwe kononekara.

20

Agathon RWASA akaba yasavye ko ivyo biganiro vyoba ivyabose kandi kubibazo vyose, avugako igikunda guteranya abarundi n’ingene intwaro usanga zuzuyemwo ibisuma hamwe n’ibiturire vyo vyugarije abarundi, asaba ko intwaro yokwicara hamwe kugira ikosore ivyo vyose bitagenda neza.

Ibi akaba yabivugiye muntara ya Rumonge aho yari yagendeye abarundi baherutse guhunguka akaba yari yagiye abashiriye imfashanyo zigizwe n’ibiharage hamwe n’imifuko yimiceri ni bindi.

Tworangiza tubamenyesha yuko abanyagihugu bongaho mu RUMONGE batubwiye yuko iyo mfashanyo itahawe abari bayigenewe, ngo ahubwo yahawe abanywanyi bumugambwe wa CNDD-FDD.