Uburundi Bugiye Kwiyegereza Ibihugu Vya Rutura Mu Bijanye N’Umutekano.

0

Mu nama nshikiranganji yakoranye mu ndwi iheze, Leta y’Uburundi yarashizeho itegeko ryo gukomeza ibijanye n’umutekano w’igihugu. Uburundi bukaba bugiye gukomeza imigenderanire mu vy’umutekano na gisirikare n’ibihugu vya Afrika y’Epfo, Uburusiya n’Ubushinwa.

Mu bijanye n’umutekano, igihugu c’Uburundi caremeje gukorana n’Ubushinwa na Afrika y’Epfo ; mu gihe mu bijanye na gisirikare Uburundi bigiye kuza burakorana vya hafi n’Uburusiya nk’uko iyo nama Nshikiranganji yavyemeje ku musi wa kane w’indwi twarangije.

Mu mpera za Kigarama mu mwaka uheze wa 2017, Uburundi bwaremeje ibijanye no gukorana n’igihugu ca Turkiya mu bijanye n’Umutekano. « Mu bijanye no kurwanya iterabwoba, ibihugu bicuditse hamwe biraja hamwe kugira bigwanirize hamwe uburyo butandukanye bw’ubukozi bw’ikibi…ico gikorwa kikazofasha abapolisi b’Uburundi kumenya uburyo bwo gukinga iterabwoba… », niko Itangazo rya leta ryamenyesheje.

Muri iryo tangazo rya leta, herekanwa ko ugukorana hagati y’Uburundi n’Uburusiya mu vya gisirikare bimaze igihe kinini. Uburundi bukaba bumaze kuronka ibikoresho bitari bike vya gisirikare bitanzwe n’Uburusiya hamwe no kumenyerezwa kw’abategetsi bajejwe umutekano.

Ibihugu vy’Ubufaransa, Ububiligi, Ubudagi na Leta zunze Ubumwe Za Amerika nivyo bihugu vyakorana cane n’Uburundi mu vya gisirikare, ariko ubu hoho ivyo bihugu bikaba bisa n’ivyateye ibitugu Uburundi. Ariko rero nguwuvunitse yiga gucumbagira, n’akaryo ko gukorana n’Uburusiya kugira ngo bufashe aho ivyo bihugu vyahora bifasha mu vya gisirikare.