Thursday, October 6, 2022
HomeNewsUbumwe bwa Buraya ntaco buvuga ku bana bakoreshwa n'abatavuga rumwe na Leta...

Ubumwe bwa Buraya ntaco buvuga ku bana bakoreshwa n’abatavuga rumwe na Leta mu mirwano bakora

Abatavuga rumwe n’Ubutegetsi bwa Bujumbura ngo bakoresha abana batoya mu mirwano iriko ibahuza n’ubutegetsi bwa Bujumbura. Ivyo vyashikirijwe na Willy Nyamitwe mu kiganiro yahaye kimwe mu binyamakuru vy’ibinyaburaya aho yamenyesheje ko ubumwe bwa buraya butagira ico buvuga kuri ico kibazo mu gihe baguma basaba Uburundi gukura ibirwanisho mu Banyagihugu.un-enfant-soldat-dans-l-est-du-congo_489

Yabandanije amenyesha kandi ko abo nyene batavuga rumwe n’Ubutegetsingo babandanya gutanga ibirwanisho mu banyagihugu bari i Bujumbura ariko kandi ngwigitangaje cane ngo nuko Ubumwe bwa buraya ataco buravuga kuri ico kibazo.

Ivyo abishikirije mu gihe yari mu bubirigi aho yari yajanywe n’ukuyaga n’ibinyamakuru vya Buraya ku kibazo kiri i Bujumbura aho yamenyesheje abatwara Uburaya bakomeza kwumviriza ivy’abatavuga rumwe n’Ubutegetsi bavuga ariko ntibahe akanya leta ya Bujumbura arinaco gituma yashimye kubasanga iyo bari.

Must Read

Umushingwamanza Sandra Ndayizeye yakuyemwo akarenge mu rubanza rw’uwo aburanira muganga SAHABO.

0
Umushingwamanza Sandra Ndayizeye aburanira muganga Sahabo Christophe yaraye akuyemwo akarenge mw'urubanza rw'uyo yaburanira iki gihe apfungiwe mw'ibohero rya Ruyigi. Sandra Ndayizeye akaba yagiriyeko asaba...