Ubumwe Bwa Buraya Bwarananiwe No Kwumvisha Ibihugu Vya Afrika Kugira Uburundi Bufatirwe Ibihano.

0

Ibihugu bihurukiye mu mugwi ACP( Afrique-Caraïbes-Pacifique), cane cane ivyo muri Afrika, bibona ko ata vyigwa vyakuye ku Banyaburaya naho hari uguhonyanga agateka ka zina muntu hamwe no kurenga kwibwirizwa shingiro vyakozwe na Leta y’i Bujumbura.

Ivyo Abanyaburaya banegura Ubarundi biboneka ko ibihugu vyinshi vya Afrika bitavyakiranye ikaze, harimwo nibihugu vya Caraibes na Pacifique. Mu nama igira iya 32 yabashingamateka bagize ACP-UE yabaye ku magenekerezo ya 19 gushika 21 za Ruheshi 2017, mu gihugu ca Malte, abanyaburaya barasubiriye kubona ko ivyo mu Burundi biriko birabananira kubera ko ibihugu bihurikiye muri ACP bitashigikiye ko Uburundi buhabwa ibihano.

Mu nama ya 32 ya ACP-UE, abaserukiye Ubumwe bwa Buraya baragerageje no kugira harengane integuro yotuma hiyamirizwa uguhonyangwa agateka ka zina muntu muBurundi maze ibihano bifatirwe Uburundi, ariko ntaco vyashitseko.

Intumwa ya Buraya ikomoka mu gihugu c’Ubudagi, Jo Leinen,yavuze ati : « Ubu kandi ibintu niko bikiri.Ibihugu vya Afrika birabandanya vyiyamiriza ibivugwa n’Abanyaburaya bitagenda neza ku bijanye no guhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi hamwe nuko ivya Politike vyifashe mu Burundi. No muri Gabon niko vyagenze Ibihugu vya Afrika ntivyemeye integuro zacu mu misi iheze ».

Inyuma yaho integuro ya mbere yiyamiriza uko ivya Politike vyifashe mu Burundi yamiriwe kure n’ibihugu vyinshi vya ACP, abaserukiye Uburaya baragerageje gukora iyindi nteguro. Jo Leinen abandanya ati : « Ubumwe bwa Buraya bwaciye busaba ko horungikwa umugwi wintumwa ziza kwihweza uko ivyo mu Burundi vyifashe maze uyo mugwi ugashikiriza raporo mu nama ikurikira ya ACP-UE, ariko niyo nteguro nayo nyene yaramiriwe kure ».

Naho hari ibihugu vyinshi vya Afrika bidashima uko ivyo mu Burundi biriko bikorwa na Leta y’Uburundi, biragaragara ahubwo ko bitagishaka kwumvira abanyaburaya ku mategeko yabo aza akandamiza ibihugu bitobito vya Afrika.

None Ubumwe bwa Buraya buzorekura maze ibihano vyafatiwe Uburundi bihave, narirya iryo Shirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya riheruka kwagirizwa na Leta y’uburundi ko ryagize Uruhara mu guhungabanya Uburundi hamwe no gufasha ababuhungabanya?Uko biboneka kwokwo, nuko Leta y’Uburundi itera itandukana cane n’Ubumwe bwa Buraya, uko bizogenda muri kazoza tuzoba tubibona.

Ariko uko bigenda kwose abanyagihugu batobato nibo babandanya bahagirira ingorane bivanye nukwo kuntu Uburundi bubandanya bukumirwa, maze ubukeme bukabandanya, maze abahunga Uburundi bakiyongera,ibiciro bikaduga, abanyagihugu bakabura ivya nkenerwa nk’ibitoro, umuyagankuba nibindi kubera Uburundi ubu bufise amikoro make, narirya kera bitaraba nabi Uburundi bwahora bukura hanze ibice 50% vy’amafaranga bukoresha ku mwaka, ariko ubu hafi ibice 75% vy’amafaranga Uburundi bukoresha akaba ava mu banyagihugu kandi nabo ataho bakura.