Ubumwe bwa Afrika buratewe impungenge n’ibitero biriko biraba mu Burundi

0

Ubwicanyi bukomeje kwiyongera muriyi minsi ishize aho kuruyu wa mbere, Pierre Claver Mbonimpa atwara Aprodh yahatswe kugandagurwa bunyamaswa ivyo bikaba vyakozwe mu iringo c’amasaha mirongo ibi n’ane Géneral Adolphe Nshimirimana agandaguwe n’umukozi wa RFI agahungabanirizwa umutekano n’abakozi b’igendereza.

willy

Ubumwe bwa Afrika bwababajwe nibiriko biraba aho bwavuze nti: Turababajwe cane n’itotezwa ryagiriwe umukozi wa RFI Esdras Ndikumana kandi turasaba abajejwe umutekano gutangura amatohoza yihuta kuvyo yakorewe. Kandi turatewe impungenge nuko ibintu bishobora kumera nabi umwanya uwari wowose ku bamenyeshamakuru bo mu Burundi no mu Burundi. Kuri twe abamenyeshamakuru bigenga bariko bakora akazi kabo niyo nkingi ya demokarasi.  Ivyo bikavba vyavuzwe na Alexandre Polack umwe mubavugizi ba Comission Europeenne.

Kuruhande rwa Leta bakemeza ko bariko baragira amatohoza yivyo Esdras Ndikumana yakorewe: Hasigaye ko tubiraba neza. Na je nari nahishikiye muri ako gatondo aho vyari vyabereye aho nabonye umumenyesha makuru Esdras ariko aganira n’uwujejwe umutekano . Bariko barahuza nca nibaza ko ibintu vyatunganye naho haciye haba akajagari mu nyuma kandi Leta y’uburundi izotanga umuco vuga bwangu. Bikaba vyashikirijwe na Willy Nyamitwe ajejwe gutumatumanako amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu.