Ubukene Bw’Igitoro Bwasubiye Kuba Ndanse Mu Burundi.

0

Ubukene bw’igitoro bwiyongereye kandi gusubira kwibonekeza hirya no hino mu gihugu, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura aho imirongo y’abashaka igitoro co mu bwoko bwa Essence batonda imirongo kugira bakironke, ariko rero bamwe bagataha zirayoye kubera ama stations amwe amwe usanga ata nima riharangwa.

Abanyonga ibikoresho bikoresha igitoro co mu bwoko bwa essence baravuga ko bataronka igitoro kandi ariko kazi kabo ka misi yose kabafasha gutunga imiryango. Ariko rero nkuko babimenyesha, si bose babura ico gitoro, kuko hariho abo bamwe bise « clients ordonnés » canke abaza kugura ico gitoro baba batanze amahera menshi kugira bakironke.

Umushikiranganji w’ubututaka n’amasoko ntanganguvu asigura ko ubukene bw’igitoro buterwa nuko ubu hari ubuhinga bushasha bwo ku ma douanes mu gucungera ivyinjira n’ibisohoka mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko.Ariko rero nta misi iheze havuzwe ko ubukene bw’igitoro buterwa n’ikora nabi rya internet muri OBR, ivyo navyo OBR ikaba yarabihakanye.

Ama stations amwe amwe aremeza ko ubu asigaye atanga igitoro c’amalitiro 5000 ku musi kandi yahora atanga 10 000 ku musi. Hakaba hamaze gutangura no kugurishwa igitoro ku giciro kinini aho benshi bita kuri marché noir canke abandi bakakigura mw’ijoro cane kuri commande.

Abakeneye ico gitoro bagasaba bashimitse ko umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu n’ubutaka yotorera umuti ico kibazo bidatebaganye gose.

Ubushikiranaganji bw’ubutaka n’amasoko ntanganguvu, bubicishije kuri Daniel Mpitabakana, bwamenyesheje ejo ku musi wa gatatu itariki 04 Gitugutu 2017 ko ‘ukutaramenya neza ikora ry’ubuhinga bushasha bw’ama douanes mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko arivyo bituma haba ubukene bw’ibitoro’.

Daniel Mpitabakana akaba ahumuriza abakeneye ico gitoro ko vuba bizoja mu ngiro kigasubira kuboneka nkuko bisanzwe. « Hari ama kamyo y’igitoro ashika kw’ijana ariko aza mu Burundi…vyongora kuvuga umusi azoshikira mu Burundi. Ni ikibazo kiriko kiratorerwa umuti kandi kitazosubira kwibonekeza », niko Daniel Mpitabakana yamenyesheje ejo ku wa gatatu.