Ubuhorande nabwo bwagiye mu gitigiri c’abadashigikiye ivyavuye mu matora ” soma ngaha wumve impamvu

0

Ubuhollande nabwo bwinjiye mu gitigiri c’abadashigikiye ko amatora mu Burundi yagenze neza nkuko bishikirizwa n’abashikiranganji batandukanye bashikiriza ko ibihe amatora yabayemwo bitari ivyo kuberamwo amatora.

nkurunziza-and-willem-alexander-01

Ibicishije ku bashikiranganji Bate Krondes na Lilian Promen,ingoma y’Ubuhorande imenyesha ko amatora y’umukuru w’igihugu atari akwije ibisabwa vyose kugira abe mu muco,mu mutekano kandi yitabwe na bose. ivyo bikaba vyavuye kukudatanga ikibazo ku biganiro kandi n’ukutugurura ama radio amwe amwe yigenga yaturiwe.

UBM News tubibutse ko ivyo bivuzwe inyuma yaho ubwongereza na Leta z’unze ubumwe za amerika nazo zimenyeshereje aho bihagaze kuri ico kibazo.