Ubufaransa : Marine Le Pen Aje Atavyorosha nka Trump

0

Marie Le Pen, wo mu mugambwe Front National, umufaransakazi ariko aritoza kugira ahiganirwe ikibanza c’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa yiyemeje gushira Ubufaransa imbere. Yatanguye kwiyamamaza n’imvugo idasanzwe kandi y’amacakubiri nk’uko Donald Trump yabikoze muri Amerika hamwe n’abashigikiye Brexit arikwo kwikura mu Bumwe bwa Buraya ku Bwongereza.

Marine Le Pen

Marine Le Pen mukwiyamamaza kwiwe avuga ko « inyungu z’Ubufaransa zikwiye kuza imbere ya vyose » nkuko Trump yabikoze muri Amerika.

Ku vyerekeye kandi abimukira, Le Pen avuga ati : « Ntidushaka kubandanya tuba munsi yiterabwoba ry’Abisilamu », yiyemeza « kutababarira nagato ibikorwa vy’iterabwoba ».

Abashigikiye Marine Le Pen

Marine Le Pen nawe nyene arafise umugambi w’uko Ubufaransa buva mu Bumwe bwa Buraya. Avuga ati : « Nimba Ubumwe bwa Buraya budashatse kuvyemera, rero nzosaba Ubufaransa kugira habe amatora kugira twikure muri UE ».
Mukamenya kandi ko Marine Le Pen atabona neza OTAN iyo Ubufaransa bwabaye mubashinze.

Ivyo biruko mugihe Trump yashemegije intambwe Ubwongereza bwateye bwo kwikura mu Bumwe bwa Buraya, yongera avuga ko OTAN « yataye igihe ».