UBJ: Ngo bitebe bitebuke ukuri kuzoja ahabona.

0

Ngo bitebe bitebuke ukuri kuzoja ahabona ivyo nivyo Alexandre NIYUNGEKO asanzwe arongoye urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi, aho akaba yariko abeshuza ivyo Valentin BAGORIKUNDA asanzwe ari Umushingamanza wa Republika, ahoyavuze ko abateguye imigumuko yokwiyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero NKURUNZIZA ari Abanyepolitike batavuga rumwe na Reta, imigambwe itavuga rumwe na Reta ngo hamwe n’abamenyeshamakuru batari bake harimwo nama Radio n’imboneshakure bakorera kwarivyo vyateguye iyo imigumuko.

alexdre

Alexandre NIYUNGEKO arababazwa nivyo bintu yavuze akavuga ko atamfatiro nimwe bifise, akavuga ko yongera akababazwa n’ubwicanyi buguma buba ariko ahokuvuga ukuri bakaguma baca inyuma bakavuga ibindi ngo ntibamenye ko umunsi umwe ukuri kuzotsinda ikinyoma.

 

Abandanya avuga ko kubona abamenyeshamakuru baguma bahungabanirizwa umutekano bazira umwuga wabo ngo ako nakamaramaza mugihugu citwa kogifise Demokarasi ngo nibintu biteye isoni.

Akaba yarangije asaba ko Reta yokwikubita agashi kugira ishire ukuri ahabona kugira Abamenyamakuru basubire gukora umwuga wabo ukuri kwamye, ngo kandi imenyeko atagihugu nakiwe gishobora gutwara neza atabinyamakuru canke ama Radio n’imboneshakure zisamirana ukuri kwamye.