Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeNewsU Burundi bugira buje mungorane zikomeye kubera ino mpanvu, Umukuru w'igihugu we...

U Burundi bugira buje mungorane zikomeye kubera ino mpanvu, Umukuru w’igihugu we bamusaba ko yoshugurikira kino kibazo amazi atararenga inkombe

Ishirahamwe PARCEM rihamagarira RETA y’Uburundi gufata nka nkama ivyashikirijwe n’inamanshingamateka y’ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya aho yamenyesheje ko ishobora gukura kurutonde igihugu c’UBURUNDI mubihugu bisanzwe bifitaniye imigenderanire y’ugufashanya n’ibihugu vya buraya, hamwe Reta y’Uburundi itorekura umukuru wa APRODH Pierre Claver MBONIMPA ari mumunyororo.

peter

Faustin NDIKUMANA akamenyesha ko kugira ngo ibihugu vya buraya bibandanye bifasha ibihugu vyo muri Afrika vyateye umukono kumasezerano ya bimwe bimwe bumvikanye, nk’ibijanye n’agateka ka zina muntu, intwaro ibereye, n’intwaro rusangi.

Faustin NDIKUMANA akaba atangazwa no kwumva hari umutegetsi yashikirije ko ivyapfunditswe muri iyo nama ari ukurengera ubutungane bw’Uburundi. Asaba umukuru w’igihugu gufata muminwe ico kibazo.


Faustin Ndikumana umukuru w’ishirahamwe PARCEM

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments