Tuzitaba amatora inyuma y’ibiganiro bihuza abanyepolitique Bose

0

Amatora atunganijwe mu mahoro n’umutekano kandi abaye inyuma y’ibiganiro bihuza abarabwa n’ibibazo vya politique bose b’abarundi niyo matora ashobora kwitabwa n’impande zose z’Abarundi nkuko batatu mu bari bashatse kwitoza ku ruhande rw’umukuru w’igihugu babishikirije mw’ikete bandikiye umurwi ujejwe gutunganya amatora mu Burundi.

3personalite burundais

Muri urwo rwandiko Domitien Ndayizeye, Sylvestre Ntibantunganya hamwe na Jean Minani bandikiye umurwi ujejwe gutunganya amatora mu Burundi CENI bamenyesheje ko icuka muvya Politique hamwe n’umutekano kitari ciza ku buryo amatora yotunganywa.

Abo barongoye Uburundi hamwe n’uwahoze atwara inama nshingamateka bamenyesheje ko inzego zizotorwa muri ayo matora ariko aratunganwa muri ino misi ko ata cizere zizogarukana mu Barundi.

Ivyo bakaba babishikirije mu rwandiko bashizeko urukumu kuwa 15 mukakaro imisi itandatu imbere yuko amatora aba.