Turkiya na Amerika Bemeye kugwaniriza Hamwe Umuhari w’intagondwa” Etat Islamique”

0

Umukuru w’igihugu ca Turkiya Tayyip Erdogan n’umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za amerika Donald J.trump bumvikanye ejo kuwakabiri kuri telephone ko bagiye kuja hamwe mukugwaniriza hamwe umuhari w’intagondwa Etat islamique( Islamic State) mu bisagara vya Syria vya Al-Bab na Raqqa, vyose bisanzwe vyarigaruriwe n’intagondwa,nkuko isôko ry’amakuru ryabivuze kuruno wa gatatu mu biro vy’umukuru wa Turkiya.

Abo bategetsi babiri barayaze ivyerekeye gushiraho ikibanza co guhungiramwo, ikibazo c’impunzi bahunga intambara yo muri Syria hamwe no kurwanya iterabwoba, iryo sôko ry’amakuru niko ribandanya rivuga.

Recep Tayyip Erdogan, Umukuru wa Turkiya

Ubutegetsi bwa Amerika bwavuze ko Trump yavuze ku vyerekeye “umwiyemezo w’ibihugu bibiri wo kugwaniriza hamwe iterabwoba uko riri kwose”, yongera asaba Turkiya iterere mukugwanya Etat Islamique.

Umugwi w’intwazangabo z’abasyria(Force Démocratiques Syriens), ubwiyunge bw’abagwanyi bashigikiwe na Amerika, watanguye isekeza ryawo ryo kugwanya Etat Islamique muri Raqqa ku musi wa gatandatu.