Monday, September 26, 2022
HomeNewsTrump Yugariye Imiryango Impunzi zo muri Syria

Trump Yugariye Imiryango Impunzi zo muri Syria

Donald J. Trump

Umukuru w’Igihugu Donald Trump wa Leta zunze ubumwe za Amerika yafashe ingingo ibuza impunzi zo mu Syria kwinjira muri Amerika kugeza igihe atavuze.

Ibi biri mungingo yafashe zinakumira abandi bimukira bashaka kuja muri Amerika.
Trump yavuze ko iyi ngingo izotuma ba gaterabwoba b’idini ya Islamu zitabasha kwegera Amerika.

Iyi ngingo kandi yatumye hahagarikwa kwakira impunzi izo arizo zose muri Amerika mu gihe cy’amezi ane.
Amerika kandi yahagaritse impusha za visa ku bihugu vya Iran, Iraq, Somalia, Sudan, Libya na Yemeni mu gihe c’amezi atatu.

Igihe yari mu bikorwa vyo kwiyamamaza, Donald Trump yari yasavye ko hafatwa ingingo yo kubuza aba islamu kwinjira ku butaka bwa Amerika

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...