Monday, September 26, 2022
HomeNewsTrump Yatsinzwe Mu Rubanza yari Yunguruje!

Trump Yatsinzwe Mu Rubanza yari Yunguruje!

Sentare yungururizwamwo imanza yahakanye ko itegeko rya Trump ribuza ingenzi n’abimukira bo mu bihugu ndwi bigwiriyemwo aba Islamu kwinjira muri Amerika rishigwa mu ngiro.

Sentare “9th US Circuit Court of Appeals” yavuze ko idashobora kuvuguruza sentare y’intango yahagaritse iyo ngingo.

Donald Trump ariko asinya Itegeko ry’Umukuru w’Igihugu

Trump yaciye yishura ashavuye ku buryo bwa Twitter avuga ko umutekano ubangamiwe ko bagiye gusubira kwitura ubutungane.

Abacamanza batatu bafashe ingingo bavuga ko reta itashoboye kwerekana ingene ikibazo c’umutekano cotuma iyo ngingo ishirwa mu ngiro.

Icemezo cafashwe na sentare kigiye gutuma abanyagihugu bo muri Irani, Iraki, Libiya, Somalia, Sudani, Siriya na Yemeni bafise viza baguma binjira muri Amerika.

Impunzi zirondera ubuhungiro ziva mu mihingo itandukanye yo kw’isi nazo nyene ntizikibujijwe guhungira muri Amerika.

Runo rubanza rushobora kurangirira muri sentare ya nyuma n’ukuvuga sentare ntahinyuzwa ya Amerika.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...