Tom Malinowski ngo bigumye uko biri, amatora ngo ntashoboka mu Burundi ! Soma ngaha wumve uko yavuze

0

Tom Malinowski ngo nkahamwe ibintu vyoguma uko biri abarundi barashobora kutitabira amatora bariko bitegurira. Akaba yabivuze m gihe yaheruka kuyaga n’umukuru w’igihugu aho yanamenyesheje ko atabona ko umukuru w’igihugu atiteguye kurekura ikiringo ca gatatu.

Tom

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yamenyesheje ko aho leta zunze ubumwe za amerika ihagaze aho ubumwe bwa buraya ubumwe bwa afrika hamwe n’inama nkuru y’umutekano bahagaze ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu. Ngo amasezerano y’i arusha yarakwiye gukurikizwa.

Mwomenya ko yanashikirije ko ukwugarwa kw’insamirizi RPA bisubiza inyuma ubwigenge bw’ukumenyeshamakuru hamwe nukw’amanama. Nayo igihe yariko ayaga n’umukuru w’igihugu ibimenyeshamaku vyigenga ntivyemerewe kwinjira.