Thibaut Authentic:Akazi ko gufotora ndagafata nk’umwuga

0

Thibaut authentic n’ umusore w’ umurundi afise ingabirano idasanzwe yo gufotora.
thibaut
Nkuko rero ikinyamakuru cacu ubmnews cama cegera urwaruka rufise ingabirano idasanzwe twarashoboye kumwegera turamubaza icatumye aja muri uyo mwuga wo gufotora,thibaut authentic ati: kuva nkiri umwana namye nkunda cane gufotora,nkuze menye ubwenge niho natanguye kubikora nyuma mbona ndabishoboye nca ndawugira umwuga. Muri kino gihe thibaut authentic akaba ari bitunwako muri uyo mwuga kuko ahabera hose ibiteramo bikomeye cane ngaha mu gihugu umusangamwo aho twobibutsa nk’ igiteramo co gutora unu dj mwiza hamwe n’ isabukuru ry’ amahoro ryabereye ku kibuga citiriwe umuganwa Rwagasore uyo musore niwe yafotora.

Tworangiza tubamenyesha ko nuri kino gihe thibaut authentic asanzwe ari mu maboko y’ inzu ya amipro entertainment ikaba ariyo ihagarariye ibikorwa vyiwe muri kino gihe