Therence NTAHIRAJA:”Inama nshingamateka ya Buraya iracarimwo intumva nyinshi.”

0

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n gukundisha igihugu Therence NTAHIRAJA amenyesha ko inama nshingamateka ya Buraya itumva ko amahoro n’umutekano vyagarutse mu Burundi.

Mu gihe bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya kuwa gatandatu igenekerezo rya 28 Nzero umwaka wa 2017 mu gisagara ca Bujumbura, Therence NTAHIRAJA yavuze ko ata ata gateka ka zina muntu kariko karahonyangwa mu Burundi.

Abwira abitavye imyiyerekano,Therence NTAHIRAJA yavuze ko inama nshingamateka y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ikirimwo intumva nyinshi.

Inama nshingamateka y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, iherutse kwemeza ingingo ishikiriza amakunga ku biba mu Burundi isaba ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU na sentare mpuzamakungu bokora amatohoza ku vyaha bihambaye bikorwa mu Burundi.

Iyo myiyerekano yari yitabwe n’abagendesha amakinga n’abandi bunguruza ibintu n’abantu bakoresheje ivyuma.