Thais Brouck yirukanywe yagirijwe ko ahengama mu makuru atanga

0

france-24-bujumbura

Uguhengama mu makuru atanga nico catumye Urwego rujejwe kugenzura ibinyamakuru mu Burundi CNC  rwaka uruhusha Thais Brouck intumwa idasanzwe y’imboneshakure y’abafaransa France 24 rwo gukorera mu Burundi.  Ayo makuru yemejwe n’umukuru w’urwo rwego CNC Richard Giramahoro.

Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho amariye igihe kitari gito gishika ku kwezi ari mu Burundi aho yariko akorera ibikorwa vyiwe vya misi yose vy’ukumenyesha uko ibintu vyifashe mu gisagara ca Bujumbura, amakuru menshi yatanga yavuga ibijanye n’uko imyiyerekano iriko iraba, ari naco benshi bibaza ko yoba yahowe.

Mwomenya ko abamenyeshamakuru muri kino gihe bageramiwe kuko aba polisi babagiriza ko boba aribo bagumura abariko biyerekana. Ivyo bakaba bivuga bishimikije ko ngo abariko biyerekana baronka inguvu z’ukwiyerekana aruko babonye abamenyeshamakuru.