Syria: Inyuma ya Aleppo, Al-Bab yahora yiganziwe na Etat Islamique, yafashwe!

0

Abasoda b’abaroberi bafashijwe n’abasoda bo muri turkiya binjiye mu gisagara ca Al-Bab, icumbikiro rikomeye ry’umuhari w’iterabwoba Etat islamique, kikaba kiri mu burarauko bwa Syria, inyuma y’aho irindi cumbikiro rikomeye, Aleppo, ry’uwo muhari w’intagondwa risamburiwe n’indege z’Abarusiya hamwe n’ingabo za Syria, aho mbere n’ubuzima bw’aba civiles bwahasigaye ninyubakwa zirabomorwa.

Allepo, imaze gusamburwa

Al-Bab yahora yiganziwe na Etat Islamique(EI), yafashwe ejo bundi ku wa Gatandatu nabaroberi bo muri Syria barikumwe n’abasoda bava muri Turkiya.

Bashar-Al-Assad, Umukuru wa Syria

Ishirahamwe ryo muri Syria ryitaho Uburenganzira bw’abantu(OSDH) ryavuze ko “abasoda bo muri Turkiya n’abaroberi ba Syria binjiye muri ico gisagara ca Al-ba baciye mu gice co mu burengero aho haciye hakurikira intambara ikaze”.

Abaroberi n’Abaturkiya binjira Al-bab

NK’uko kandi OSDH, ingabo z’ubutegetsi bwa Syria, igihugu kirongowe na Bashar Al Assad, nazo zashikiriye ico Gisagara ca Al-Bab ku musi wa Gatanu.
Mukamenya ko intambara yo muri Syria yatanguye muri 2011 nubu ikaba ikibandanya, aho umuhari Etat islamique utema ugatongora.