Sylvetre NTIBANTUNGANYA asaba urunani CNARED kubungabunga ubumwe

0

Mu gihe haheze igihe havugwa ukutumvikana hagati y’abagize urunani ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na Reta CNARED, Sylvestre NTIBANTUNGANYA asaba abagize urwo runani kubungabunga ubumwe hagati yabo.

Mu kiganiro yahaye bagenzi bacu bo mu kinyamakuru SOS Medias Burundi, Sylvestre NTIBANTUNGANYA yahoze arongoye Uburundi amenyesha ko urunani CNARED rukwiye kuguma ruri hamwe kugira rushobore guhangana n’umugambwe CNDD-FDD.

Sylvestre NTIBANTUNGANYA avuga ko nimba bigabuye mu runani CNARED bituma umugambwe CNDD-FDD woroherwa ,urwo runani kandi rugatakaza icizere ku barundi.

Uwo yahoze arongoye Uburundi avuga ko nimba mu runani CNARED baharanira iyubahirizwa ry’amategeko, bakwiye kuba akarorero mu kwubahiriza ayo mategeko.