Soma ngaha amajambo aranga indirimbo yakoze mu mitima y’ abarundi benshi

0

Indirimbo BIGARUKIRAHO ikaba ari iy’ umuririmvyi AKES aheruka gushira ahabona, ikaba yarakunzwe n’ abantu ikirenga, kubw’ amajambo y’ inkora mutima kandi ahumuriza ayirangwamwo.

11692624_1638798296377534_321237930401258849_n

Soma ngaha amwe mu majambo ari muri iyo ndirimbo.

Aho nca hose mbona harangwa n’irungu. Haragacerere karenze nkumva amajwi y’utunyoni gusa. Mbega babantu bagiye hehe? Twatwana naguma mbona dukina twagiye hehe? Kwimvura itakigwa izuba rika gwirirana habaye iki? Mugihugu canje. Ohhho ohhho oooo.
Turi musi yamarira namaganya ndetse nimibabaro. Abantu tukikwegera ikara mugashambara. Tumenye kwaritwe tugize iyisi. Reka imana yayiduhaye. Tuyinezereze. Heeee

Impande zose ndahabona abana baguma barira.
Harabatazi ahababo bari. abandi bakarizwa ninzara
Ibiterwa mumirima ntibicera.
Y’amata n’ubuki vyavugwa mbega biri hehe?
Vyatwawe nabande. Nibabigarukaneee!

Turi mwisi yamarira namaganya hamwe nimibabaro.
Abantu tukikwegera ibara mugashambara.
Tumenye kwaritwe tugize iyisi. Reka imana yayiduhaye tuyinezerezeee

Maana.
Twarushe n’ubwicanyi.
Uzuza urukundo mumitima y’abarundi.
Duhe indongozi zibikwiye.
Zikunda abanyagihugu.

Ukwica abandi. Bigarukiraho
Ukutubahiriza agateka kazina muntu. Bigarukiraho
Ukurya ibiturire. Bigarukiraho
Ukwimubuzi abo mudasangiye imigambwe. Bigarukiraho.
Uguca imanza zidaciye mukuri. Bigarukiraho
Ukutumvikana mubanye politique, Bigarukiraho
Barundi bene mama. Bigarukiraho.

Umviriza ngaha Bigarukiraho by Akes