Soma kino gishingantahe giteye ubwoba ” nahawe ubushobozi na satani hamwe n’imizimu !

0

Mugenzi ugiye gusoma kino gishingantahe, ndagusabe ntugicire hagati mukugisoma ahubwo ukirangize kuko namabanga menshi uza kumenya utaruzi kubijanye nabaja mukuzimu kwa satani ” Birashika bikaba atari ubwambere ucunvise ( Igishingantahe ) ariko tugicishije kuri UBMNews kugirango gishobore kubonwa n’abakunzi benshi ba UBMNews.

1) Impeta nambara hagize umuntu ayibona akayikubita ijisho yacapfa ako kanya nyene.

2) Naramanutse ikuzimu kwa Satani iyo abapfiriye mu vyaha bari ” INGENE NASHOBORA KUJAYO NI UKU ” Niwasoma hano uraza kunva ubwoba !

3) kuko nari mfise ubushobozi buhambaye cane,narashobora gushika kuraba amabanga menshi y’ikuzimu ”

4) Nvuye mukuzimu naserukiye ku baje guhamba umuntu. Ngo bambone nzukurutse baca bariruka baratinya ”

Docteur Nabise ” yatembereye mu bihugu 35 vya Afrika na za Buraya. Yize College abandanya Kaminuza y’i Lubumbashi , aronka diploma ya Doctorat muri Philosophie. Yari yarabuze abavyeyi biwe bose afise imyaka 10 mu mwaka w’I 1970. Yaciye mw’idini rya Islamu I Bukavu aca yitwa ABDALAH. Kubera yari yarize baramushimye baca bamurungika kwiga ubwenge bwa Koroani ” Quran ” kugira ngo abe uwuhambaye.

Ahejeje amashuri yaciye atangura kwigisha I Bujumbura, mu nyuma yagiye I Bugarama mu Rwanda. Yahasanze mugenzi we yavuye muri Libiya yitwa SHEHE ALAHADI IDRISSA, baca baramenyana. Uwo SHEHE yari umurozi akongera akagira n’ivya Magie ( Magic ) , akaba n’umupfumu (Witch doctor ). Kuva ico gihe BIFOKE yaciye arondera ukuntu yokwatirwa iryo banga ariko kandi abandanya kwigisha mu bwarimu bwiwe. Ico gihe yaciye yitwa SHEHE MWALIMU ABDALAH. Umusi uri izina, ALAHADI aramwatira ibanga ryo gukora ivya Magie ( Mafic ) ni ukuvuga kumushiramwo amadaimoni azobimukoresha.

INGENE BIFOKE YATIWE.

Umusi umwe uwo ALAHADI IDRISSA YAFASHE isaha y’ibumba aca ayandikako n’irangi ridasanzwe rya shetani, aca abaga inkoko amaraso yayo ayavanga n’amazi yogesheje ikiziga. Yaciye acana umwotsi umota neza urafumba hanyuma ashirako ya sahani , adondagura amajambo menshi , hanyuma akurako ya sahani. Aca asuka vya bintu mu kirahuri arabimpa ndabinywa. Maze kunywa , naciye numva ndiko ndatumwatumwa ni nk’uko noba nikoreye inzu yose. ALAHADI aca ambwira ko ndonse ububasha bwa Magie 23. Yaciye ampa impeta yari yakuye ikuzimu kwa RUSIFERI. Iyo mpeta yari ihambaye cane kuko hagize uwundi muntu ayikubita ijisho akayibona yaca agwa bukumbi, agapfa adasamvye. Nico gituma iyo ndayambaye naca nibangikanya akandi kantu ko kuyipfuka kugirango ntimare abantu.

IBISHINGANTAHE BIMWE BIMWE

1.Narashobora guhumiriza nkabarira iyo mpeta ngo impe amafaranga aya n’aya buno nyene ngaca ndonka inyishu.

2. Narashobora kuba nugariwe ahantu ariko nkanyika bagaca bambonera ahandi.

3.Narashobora kuramutsa umukobwa buno nyene agaca ankurikira imuhira kugeza nshatse ko ataha. Ntiyaharira canke ngo agire ikindi abaza.

4.Narashobora kumenagura ikaziye y’amacupa ngaca nitembagaza muri ivyo bicupacupa bikankebagura umubiri wose nkavirirana amaraso y’inguma . Ngaca nambara ikanzu yanje nakuye ikuzimu kwa shetani ngaca nkira.

5.. Narasasa igitambara cirabura nakuye kwa shetani ngaca mponyora kuri ya mpeta yanje nkadondagura amajambo hagaca haza imvivyi 6 imwe ipima metero 3. Nibuka igihe kimwe iyo maji ( Magic ) nariko ndayigirira ku kibuga c’ibirori mu Bubiligi abazungu benshi barahakomerekeye bariko barahunga.

6..Narashobora kuja mu bindi bihugu mu buryo bwa maji ( Magic ) , ngashobora no kuguruka mu kirerenk’igisiga.

7.Narafata inzembe 60 nkazirya zose nkazimira ngaca nasama mu kanwa hakavayo inzika 60 nininini nyene.

8.Nararaba nk’umuntu atunze cane ngaca ndamushiramwo nk’idaimoni imwe agaca asara. Iyo daimoni narayitegeka nti naho haza nde ntuze umuvemwo Atari jewe nyene nkwibwiriye. Nuko rero uwo muntu akivuza hose bikanka ko akira . Haheze imisi nkamera nkuwitemberezaho, nkababwira ko bampaye amahera menshi noshobora kumuvura bakayampa akize.Bamaze kuvyemera naca ngenda ngahamagara ya daimoni yanje nti “ naka ingo twitahire” Igaca imuvamwo tugatahana umuntu akize. Kandi nayihamagara mu rurimi abandi batumva. Noneho uwuroga ni we arogora!!

IBINDI BITANGAZA

Naramanutse ikuzimu kwa Satani iyo abapfiriye mu vyaha bari ” INGENE NASHOBORA KUJAYO NI UKU.

Kubera ko abari ikuzimu bose bambara amakanzu yirabura, nanje niyo nagiye nambaye, yari yavuye ikuzimu nyene. Nahengera harya mu gicugu ca cane nkagenda mw’itongo ry’abapfuye, nshitseyo ngaca ncana buji (bougie). Kugira ngo ntangure kunyika naca mfata ya mpeta yanje nkayishira hasi ngaheza nkayihonyorako ngaca mpumiriza nkavuga amajambo menshi yo guhamagara Satani . Ndangije ngaca mpumurura, ngatora ya mpeta yanje. Buno ngaca nsubira guhumiriza.. Muri ico gihe niho naca numva ntanguye kumanuka ikuzimu ahantu haba amashetani hamwe n’abantu bapfiriye mu vyaha. Ariko abo baba ubwoko , amashetani akaba ubwoko.

I kuzimu: Ezekiel 32:21, Yesaya 14:9-11, 2Petero 2:4, Ivyakozwe 9:11.

I KUZIMU BABAYO GUTE? BAMEREWE GUTE?

Ntibagwara, ntibapfa,ntibakura, ntibasaza, ntibarongora, nta mwana ari musi y’imyaka 10 abayo. Nta muco uriyo ni umwiza w’umuzitanya. Abantu baho babona bukebuke nko mw’ijoro ritagira ukwezi. Aho niho abanyavyaha bakoranira. Abantu bari ikuzimu barashobora kuraba hejuru nk’uko abari kw’isi babibona hejuru yabo.

Ni mu gihugu c’amarira, c’amaganya,n’imibabaro. Abantu bose babayo mu buryo bwa maji(batapfuye) baratandukanye n’abandi, ntibasa. Abasanzwe babayo ntibashobora kuza ngaha kw’isi ngo bahabe. Ntibishoboka ndetse kirazira ko babonwa n’abakiri kw’isi. Ariko abajayo mu buryo bwa maji , bavirayo igihe bagombeye cose. Mu gihe umuntu akoresha maji arenze ku mategeko ya shetani ari i kuzimu ntashobora kwemererwa kugaruka ngaha kw’isi. Shetani aca amuboherayo kuko aca amwaka ubushobozi yamuhaye. Abantu banyika bagendera ku mategeko n’imiziro bahawe na RUSIFERI. Iyo umuntu abirenzeko aca aherayo.

IKIYAGA KININI CANE KIRI I KUZIMU

Ico kiyaga kinini cane nara ciboneye. Maze kucitegereza nagize ntya nza mbona imeri(ubwato) izanye abantu bose bari bambaye ubusa. Bamaze gushika aho iyo meri ihagarara baca barururuka. Amashetani yagenewe kwakira abashitsi yaciye agenda gusanganira abo bantu. Buno nyene baca bambikwa amakanzu yirabura tsiriri. Baciye bajanwa mu biro kwa RUSIFERI . Maze urutabo runini cane rurazingururwa, rwanditsemwo izina ry’umwe umwe wese n’ivyaha yakoze. Barabibasomera kugira bavyumve babimenye. Umusomyi ahejeje arabaza ati” Ni uko? Si uko wakora?” Nabo bati” Egome”. Umwanditsi ati” ingo mutere ibikumu”. Bose bakaza.Abazi kwandika bagasinya,abatabizi bagahabwa irangi ryo gutera igikumu.

IGITABO C’IBIHANO CA SHETANI

Hanyuma mbona ikindi gitabo kizingururwa canditsemwo ingene abantu bakoze. Umwe umwe wese aciribwa igihano gikwiranye n’ivyo yakoze. Abantu bamererwa nabi cane i kuzimu ni: Abapatiri,Abapasitori, Abakristu bapfuye bapfiriye mu vyaha. Abantu bose bahora basenga Imana Satani yarabateguriye ahantu habo bonyene. Imisi yose baguma bakubitwa ijoro n’umurango. Ni ahantu h’amarira menshi cane atagira urugero, kuko Satani mu kubakubita avuga ngo:

· Harya mwasenga mwatuka jewe
· Harya mwashinga intahe mwantwara abantu
· Harya mwemera Yesu mwihakana jewe none ubu ndageze mu mwanya wanje nanje.

I kuzimu hariyo ibisagara vyinshi cane n’amazu menshi kuko nk’abasambanyi baja mu gisagara cabo, abasuma, imborerwa, ababeshi, abarozi, ab’ishari, abanyarusaku, ab’igono, abatukana. Eka uko ivyaha bingana ni ko n’ibisagara bingana. Hariho n’amabarabara yitirirwa ingeso mbi. Akarorero:
· Ibarabara no 3: Bwibone
· Ibarabara no 4: Mvugombi …

Naho bimeze birtyo,abariyo bose bama mu mibabaro, Satani yama abababaza akanya ku kanya.

I KUZIMU HARIYO IBIRO.

Ibiro bikuru vya RUSIFERI ni inzu nini cane itabona neza. Nta mwijima uriyo nko mu yandi mazu,kuko hoho hariyo agatara gatoya kabonesha bukebuke. Muri ivyo biro niho handikirwa amazina y’abanyavyaha. Igihe cose impwemu mbi (abadaimoni)nk’uko igitigiri c’ivyaha kingana niko nazo zinyuragiranwa zinjira mu biro gutanga icegeranyo( Rapport) c’ibikorwa ni ukuvuga abantu zahenze bagakora ivyaha. Izakoze neza zigahembwa neza kuko daimoni ni abasoda ba RUSIFERI… Ivyo zikoze zongerwa amapete mu gushimirwa.

UTI MBEGA WABONYE RUSIFERI ASA GUTE? AMEZE GUTE?

Ngiyo inkuru y’imvaho jewe niboneye:
· Ni umuntu asa n’abazungu
· Afise mu kanwa heza
· Afise ubwoya hose
· Uravye mu maso hiwe ni mwiza cane
· Inyuma hiwe afise umurizo muremure cane maze imisi yose akama awuzingiye kuri ya ntebe yiwe mu kwicara.
· Ibirenge vyiwe bimeze nk’ibinono vy’impene
· Mu mugongo hiwe handitse ngo: Satani nkuru.

Uwo niwe yampaye ubwo bu maji, niwe nagendera kuko yari databuja.

INGENE NATEMBEREYE IKUZIMU IYO ABANYAVYAHA BAJA.

Igihe cose ngiyeyo, namanza gutembera kugira ngo menye ivyabo. Mbere jewe kuko nari mfise ubushobozi buhambaye cane,narashobora gushika kuraba amabanga menshi y’ikuzimu, ku buryo abantu bariko barambona (abapfuye)batangara.Narashitse ahantu henshi abandi bakoresha za maji batazi.

Igihe kimwe nariko ndatembera ngize ntya numva abantu bariko barampamagara twahora tuziranye kera. Duca turayaga ndababaza ingene bamererewe, barambarira bati:” Aha turagowe ahubwo gira ningoga ugende Shetani ntahave aza ino akagusangaho, kuko aje asanga hariho umuntu yashitse ino atabanje guca mu rupfu, ntasubira kuja kw’isi kirazira.” Nanje bica bintera ubwoba, birantangaza cane,nca ndababaza nti:”Biva kuki?” Nabo bati:”Ni uko abantu baca bamenya ingene abapfanye ivyaha bamereweino ikuzimu, kandi hariho umuntu yitwa Yesu umusi yaje azoduta mu kiyaga caka umuriro twese na Shetani.” Guhera ubwo uwo musi naciye ntangura gutinya.

Ikindi gihe nkiriko ndatemberayo duca duhwana n’umukobwa yari yarapfuye twari tuzinanyi. Igihe yapa baramusomeshereje imisa nyinshi kuko yaramenyekana cane mw’idini rya gatolika, iwabo hari i BUKAVU. Turaramukanya arantangarira cane ati:” Mwalimu mbega urashika ino?” Nanje nti:”Egome kuko ubuzima buragoye”. Nya mukobwa aca anyinjiza mu nzu yiwe afise igitandan’imatara, intebe n’imeza ariko ntiyanzimanye kuko nabonye i kuzimubatarya, kuko na jewe naho namarayo ukwezi sinarya kugeza ngarutse kw’isi.

Yambariye ati:” Abantu twese turi ino umusi umwe Yesu azoza aduterere mu kiyaga caka umuriro hamwe n’abadaimoni bose. Kandi ubu turakomerewe cane kuko hariho abadaimoni bama baratubabaza mu kudukubita” Hanyuma yaciye antuma ku b’iwabo bose ngo bahebe inzoga,itabi, imiti y’imihamuro, gutukana, gusambana eka n’ibindi vyose ijambo ry’Imana ryihaniza kugira ngo ntibaze bamusanggeyo. Yarambariye ati:”Iyo Imana yo mw’ijuru isubira kutwemerera kuva ino tugasubira kw’isi, mu minota 2 twese twoca twihana. None turagowe nta kundi ko twanse kwihana. Twaciye dusezerana kugira ngo simpave ntebayo. Ariko rero aho numviye ayo majambo naciye nkoresha uburyo bwose bwo kuvayo, kuko naciye ngira ubwoba bwinshi cane kandi harateye ubwoba. Maze kugaruka kw’isi, naratinye kuvuga ivyo yantumye kuko naribajije nti mbega aho bambariza aho twabonaniye ndaheza mvuge iki?

I KUZIMU HARIYO AGASHO (PRISON)

Igihe kimwe nari mu kuja muri CAMEROUN gukorerayo maji,nabanje kuja ikuzimu kubonana na Shetani, kugira ngo ampe ubushobozi. Niko vyama bigenda imbere yo kuja gukorera mu kindi gihugu caba ico muri Afrika canke ic’i Buraya. Ico gihe rero naragiye turabonana na Shetani turaheza. Mu gihe mvuye mu biro nca ndazimira. Nza mbona nserukiye mu kizu kinini cane, ndagenda ngo ndabe mbona hariyo abantu benshi cane baboshwe bambaye iminyororo mw’izosi, baboshwe amaguru n’amaboko i mugongo,babohanye n’ikibambazi(uruhome).. Harimwo Abapatiri, Abasenyeri, Abakristo baguye bagasubira inyuma, eka abazungu n’abirabure. Ndaheza ndegereza ndabaza nti:”Mbega mweho ni amaki? Bamwe bati:” Inzoga, itabi ubusambanyi…Ndabaza Pasitori nti :” Nawe uri ino?” Nawe ati:” Sigaho mwarimu ubu ndahagorewe. Jewe nahora mva kuririmba ngaca nja gukora ivyaha . Nca mpfa ntarihana.”

Nyamukobwa aca ambaza ati:” Mbega n’ahandi ino wahashitse gute? Isaha zine n’inusu, zikaramuka zishitse ukiri ino abashefu bahava baza ino kudukubita, bagusanzi ino uca uguma ngaha. Kirazira ko umuntu wo kw’isi ashobora kuza ngaha kubona ivy’ino ingene bimeze. Nanje ngo ndavyumve nca nkura hasi ndiruka nca mbona nserukiye ku kiyaga . Nca nkura ya mpeta ndayihonyorako nkuko nsanzwe ndayikoresha mu gihe co kunyika. Ndahumiriza, mvuga ya majambo,nca ntangura kuduga. Ngo nshike kw’isi nsanga ni isaha 1( 7h00) yo mu gitondo. Ngo ngire ntya mbona nturukiye ku baje guhamba umuntu. Ngo bambone nzukurutse baca bariruka baratinya nanje nca nserukira imuhira. Kuva uwo musi naciye mara imisi 2 nibaza ivyo nabonye n’ingene ikuzimu bambariye ivya Yesu, nca nja mu gatengo ngira ubwoba. Abapatiri nabo baraja ikuzimu bakoresheje maji. Umusi umwe naragiye kubonana na Satani, hanyuma duhurirayo n’abapatiri 5; 3 b’abazunguna 2 b;abirabure. Twarayaze bambwira ko nabo nyene bajayo, kuko ari ukurondera ubuzima.

UMUSOZI WERA

Ng’iryo ibanga ry’igitangaza nabonye umusi umwe. Naramanutse ikuzimu mbonana na Shetani. Hanyuma ndiko ndatembera niho nabona nserukiye ku kiyaga kinini cane ariko hakurya yaco hari umusozi wera cane. Ngo ntege ugutwi numva indirimbo nziza cane ziguma zisamirana. Ngitamariwe nza mbona umwundi muntu aje iruhande yanje. Arambaza ati:” Ni amaki? Nanje nti:” Nagomba kuja hariya bariko bararirimba. Nawe ati:” Nta buryo na bumwe buriho bwo kujayo hariya canke bwo kuvayo hariya uza ino( LUKA 16:26). Ndaheza ndamubaza nti:” Abo baririmba ni ba nde?” Nawe ati:” Ni abaririmbira umwami wabo azogaruka kubajana iwe( 1 Tesalonike4:13-17). Ndamubaza nti:” Mbega uwo mwami wabo ni nde?” Nawe aranyishura ati:”Yesu”. Naciye ntinya cane kuko yaciye ambwira ati:”Genda ningoga ntagusange ngaha”. Buno nyene naciye menya ko hariho ibindi bwami, nca ndagaruka kw’isi.

NGARUTSE KW’ISI HABAYEHO IKI?

Naciye ndonka umusore w’umukuru anshingira intahe, ambwira ubutumwa bwiza. Nca ntangura kwihana ngo menye Imana y’ukuri ,naho nari maze kumenya ayo mabanga yose y’i kuzimu, kuko nari maze imyaka 10 yose ntemberayo.

NABABARIYE KO (RESUME):

1. Nari mfise daimoni 23

2. Nari mfise impeta y’ubushobozi

3. Nakora ibimenyetso n’ ibitangaza

4. Nagenda i kuzimu iyo abadaimoni bari

5. Narabonanye na Shetani RUSIFERI

6. Narabonanye n’abo tuzinanyi bapfiriye mu vyaha( bapfuye batihanye)

7. Narabonye ikiyaga c’ i kuzimu( -Gehinomu)

8. Abariyo bose barakubitwa bakababazwa

9. Nta bana bariyo gushitsa ku myaka 9

10. Nta barongora canke ngo barongorwe, ntibasaza, ntibapfa, nta n’umwe anezerewe, barorereye gutabwa mu kiyaga caka umuriro n’amazuku. Bose ntibari hamwe, bagabuwemwo imigwi uko ivyaha vyabo bingana.. Umuntu apfuye mu kujayo abanza guca mu biro kwa RUSIFERI kwiyandikisha, akambara, agatako akabisinyira canke akabiterera igikumu ko ari vyo.

ICETE C’I KUZIMU BIGEZE GUKORA CAVUGA KUNO !

Amashetani yose, ivyegera vyose vy’amashetani, ubushobozi bw’umwiza bwose, impwemu zabo mbi n’ibihume vyose, n’imizimu yose.
Mutege amatwi mugavye, Abakristo b’ukuri baratugwanya imisi yose nitutigera tuzoneshwa cane. Nagomba ndabasubize ivyiyumviro vyanyu kubwo guhitamwo dushitsemwo kw’inama yacu yabaye ku wa kabiri le 11/01/1991 kuva saa munani y’ijoro gushitsa saa kumi z’igitondo.

Muribuka ko Abakristo benshi batamenye imyitwarariko yacu twateguye mu mwaka uheze , muri vyo twafashe Abakristo benshi ku ruhande rwacu vyari vyiza. Hongera sana. Arikorero,uravye ingene ibintu bihinduka mu mashine yanje, nkuko ndabibona mu nomero exs exs, simu kwa 00 y’impfu mu nteguro exs,exs su n’inomero yacu y’ibanga isanzwe iganza ikirere.

Abakristo b’ukuri bamaze kuja hejuru y’imigambi yacu, buri gihe turananirwa. Abashibamyi twashizeho barinda ikirere basigaye bananirwa cane, nico gituma musigaye mubona intambara nyinshi mu kirere ku bw’Abasenzi hamwe n’ukwizera kutanyiganga. Tugire dute none? Rero turagira dutya: Kugira bigende neza ata kuruha tuzokoresha uburyo bwose bwo muri Bibiliya yacu musanzwe muzi neza cane. Koresha iyi nomero: II,II, Simu kwa je, Seven 7 ni ukuvuga vitu. Duhindure ku gihugu cose, ijambo ryose ry’ukuri turikore ku bansi bacu, ubushobozi bwacu tubucishije kuri ordinateur nkuru( machine ordinateur, computer), imitego muzokoresha kuri abo Bakristo bose( ariko ni abatari mu rusenga rwacu), ntimutangare mubonye ivyobaca intege:

1) Ntimubemerere ko basoma Bibliya zabo. Hanyuma bahe umutima wo gukunda gusoma ibitabo vy’imigani y’isi, ivy’ibitwenge, ibinyamakuru n’ibindi biva mw’ishirahamwe ryacu ry’ibitabo bitagira ikimazi mu bugingo bwabo bw’impwemu, mukoze neza kuko ntibazokura mu mabanga, n’amageragezwa tuzozana . Bizotworohera kubamara bose.

2) Bagire ubunebwe bwo gusenga,ntimubemerere gusenga muri mpwemu y’Imana yabo izobaha inkomezi zo kubafasha kumenya imitego twatanze kandi twonesha rimwe na rimwe.

3) Ntimubemerere kwisonzeshereza ijambo na rimwe ryiza kuko mubemereye akazi kacu kazoba gapfuye ubusa kuko twoneshwa n’ ukugirirwa nabi cane.

4) Bagire aboro gutya:
· Ntibatange ikigiracumi
· Ntibatange imperezwa canke ishikanwa, ntibafashanye mu ngorane zabo kugira ngo ntibamenye ko ari imitego yacu. Bemerere batange ibigiracumi mugabo bitavuye ku mutima wizeye kuko Imana yabo ikunda abatanga bivuye mu mutima kandi utereje. Ariko bemerere batange amafaranga make make, hanyuma ubabarire uti:” Urazi wewe ufise ingorane nyinshi, none wewe uzoshobora gute gutanga ikigiracumi gishitse kandi ufise ingorane?.

5) Ntimubemerere ko bagiranira urukundo nk’urw’ umwami wabo Yesu Kristo, Bakundane ku rurimi gusa, ariko urukundo ruva ku mutima, rwihanganira vyose, ntibarubane babane uruheyiheyi.

6) Bahe umutima wo kuvuga, kwararazanya.

7) Bahe umwidegemvyo mu buryarya, kugira bidegemvye mu kuvuga ijambo ry’ibinyoma kugira bugarirwe urugirw’ijuru. Kugira bashimagize igisagara cacu” KUZIMU kiri mu kiyaga caka umuriro w’ibihe bidahera (bitazoshira). Ndabifuriza ko mwokoresha nk’uko twabiteguye mu gihe ca kera.

8) Mubahende bagume bavuga ngo Yesu azoza, ko hakiri igihe. Babwire ko iri jambo hasigaye nk’imyaka 10 canke 20, ariko twebwe tuzi ko yegereje kuza. Murazi ko Yesu atabesha nka twebwe, wewe ahagarara kw’ijambo yavuze. Ntimuzi ko ukwitegura kwiwe ibizovamwo ko ibikoresho vyacu vy’akazi uko biri ko ari kuzomenagurika? Kugira Abakristo b’ukuri bate umwanya mu bintu babona mu maso yabo ko ari vyiza ariko imbere y’Imana ari bibi kandi bitagira ikimazi kubwo kugaruka no kwakira umwami wabo Yesu Kristo mu kirere.

9) Bagire impumyi mu mpwemu, Abakristo b’ukuri ntibashinge intahe no kuvuga ubutumwa, barya bafise radio cassette babwire biyumviririze amasaha ku yandi, ni hagera amasaha yo gusenga no kwiga Bibliya, baheze gusa ibwirizwa, bace barara itiro ryinshi cane mu gihe co gusenga.

WIYUBARE MWENEDATA WUMVISE IKI GISHINGANTAHE.WOBA UHIRIWE HAMWE WOGIFATA NKA NKAMA , KUGIRA NGO INTAHE IRIMWO NTIZE IGUTSINDISHE KURI WA MUSI W’URUBANZA, IRI SI IBANGA, BIMENYESHE N’ABANDI ” SHARE ” KUGIRA NGO BIKEBUKE, BARUSHIRIZE GUTEGURA NO GUTERAMIRA UBUGINGO BWABO, KUKO TURI MU GIHE C’IHEREZO. IMANA IGUHEZAGIRE