UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Soma hano wunve ikintu gitangaje abarundi barenga ibihumbi 162 baba muri Tanzania bakorewe uyu munsi

UBM News ads

Abarundi barenga ibihumbi 162 baba muri Tanzania guhera mu 1972, uyu munsi batanguye guhabwa k’umugaragaro ubwenegihugu bwa Tanzania.

Perezida w’i gihugu ca Tanzaniya Jakaya Kikwete niwe yatanguje ku mugaragaro ico gikorwa mu muji wa Tabora, hagati muri Tanzania ku birometero 100 uvuye Ulyankulu, habarizwa abarundi barenga ibihumbi 50.

Igihugu ca Tanzania cigeze gucumbikira impunzi z’abarundi hafi ibihumbi 500 igihe mu Burundi hari intambara, ariko mu myaka iheze bose baratashutse, keretse abo bemerewe ubwenegihugu.

Mw’ ijambo Perezida Kikwete yavuze yasavye abo ba tanzania bashasha kuzitwara neza mu gukurikiza amategeko y’igihugu ngo kubera ko ubwenegihugu buhabwa umuntu ashobora kubwamburwa aramutse yitwaye nabi.

muri tz

Perezida Kikwete kandi yabijeje ko batazavanwa aho babaye ngo baje gutwarwa mu tundi duce twa Tanzania nkuko vyari vyaravuzwe imbere.

Reta y’uburundi ibicishije k’umuvugizi wayo Philipe NZOBONARIBA irashimiye igihugu ca Tanzania ukuntu yahaye abwenegihugu abo barundi bahunze intambara yo mu mwaka 1972,ati abarundi bose bashimire Tanzania na reta yabo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments