Umushingamateka Bonaventure Niyoyankana yandikiye ikete umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, amumenyesha ko ashaka kugaruka kurongora umugambwe wa Rwagasore, mu gihe uwo yawusigiye Concilie NIBIGIRA, amwagiriza ko vyamunaniye guhuza Abadasigana.
Muri iryo kete, umushingamateka Niyoyankana Bonaventure aributsa umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard NDUWIMANA, imvo yamutumye ubwa mbere yanka kurongora umugambwe, imvo asigura ko zari zijanye na poritike yari mu gihugu ico gihe. Niyoyankana akaba abandanya avuga ko umugambwe UPRONA yari yawusigiye Concilie Nibigira, kuko yari yibaza ko azoshira imbere ukunywanisha Abadasigana, Bonaventure NIYOYANKANA akabona ko atarivyo ariko arashira imbere ubu, ahubwo akabona ko ariko ashaka gushiraho ibaba rindi ry’umugambwe wa Rwagasore, mu gutumako inama rukokoma ataho yanditswe na hamwe mu mategeko y’umugambwe w’Adasigana, ndetse agatumira abazoyitaba, abanje kubinyegeza abandi baporona.
Umushingamateka Bonaventure NIYOYANKANA
Umushingamateka Niyoyankana Bonaventure rero akavuga ko aje kurongora umugambwe washikanye Uburundi ku ntahe y’ukwikukira, mu gihe ariwe yari arongoye inzego zo mu mwaka w’2009, inzego zemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Avuga ko vuba, ari uguca akora ibishoboka vyose agahuza inzego zose zirongoye umugambwe, zigashobora gutumako ikoraniro rya komite nkuru y’umugambwe UPRONA, nayo inama rukokoma iriko itegurwa n’umurwi wa UPRONA urongowe na Concilie Nibigira, akayitera ivyatsi co kimwe n’abandi badasigana.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments