Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje ko Petero Nkurunziza yemerewe kwitoza ubugira 3

0

Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje ko Petero Nkurunzizia yitoza ubugira gatatu.

nkuru

Nk’uko vyanditswe na Evelyne Butoyi, umwe mu bakomiseri b’umugambwe CNDD FDD, sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yisunze amategeko, yasanze Petero Nkurunziza ashobora gusubira kwitoza rimwe gusa, akitorerwa n’abanyagihugu bitanyuranye n’ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka w’2005, ku wa 18 Ntwarante.

Mwomenya ko icegera c’umukuru w’iyo sentare yamaze guhungira mu gihugu c’Urwanda, avuga ko yatewe ubwoba co kimwe n’abandi batatu ko bategerezwa kwemeza ko, Petero Nkurunziza yitoje ubwa gatatu atazoba ahonyanze ibwirizwa nshingiro, atari aho naho, Sylvere Nimpagaritse akavuga ko yashobora guca yicwa.


Bamwe mubiyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza.

Imyiyerekano yiyamiriza ico kiringo ca gatatu, ikaba ikomeye mu gisagara ca Bujumbura, aho abantu bamaze kwitaba Imana, abandi benshi bakaba bari mu mabohero atandukanye, ariko abagira iyo myiyerekano bo, bakaba badahagarika.

SRC : Igihe