Sentare ya PARIS yarareze Uburundi muri Sentare Mpuzamakungu.

0

112012100

I Paris mu gihugu c’Ubufaransa haratangujwe intahe y’icese yashashe kuruyu w’Imana itariki 27/9/2015 aho Petero NKURUNZIZA n’abicanyi biwe baregwa gukora ubwicanyi bw’agahomerabunwa ku banyagihugu b’igihugu c’u Burundi .

Abagiye barafata ijambo muri iyo sentare bakaba basavye ko sentare mpuzamakungu y’i La – Haye mu gihugu c’ubu Hollande , yokwugurura vuba vyihuta urubanza igata mu mvuto Nkurunziza n’abicanyi biwe.

Bamaze guca irya n’ino ivyaha vy’ubwicanyi Nkurunziza akorera abanyagihugu b’u Burundi, abahinga basavye ibihano bidasanzwe navyo nibi bikurikira:

– Gukumirwa kw’isi yose Petero NKURUNZIZA

– Gufata amatungo yose y’abicanyi ba Petero NKURUNZIZA ayazwi n’ayanyegejwe mu bihugu vya Buraya, Aziya na Afrika.

– Kwugurura urubanza vyihutirwa no guhagarika abo bicanyi bose ba NKURUNZIZA.
N’ibindi …

Bakaba barangije ko muminsi iza bazotanga icegeranyo.