Sentare ya Afrika y’Ubuseruko Yagiriza Uburundi Gufata Ibidandazwa Bidaciye mu mategeko.

0

Ejo ku musi wa gatatu itariki 20 Ruheshi 2018 niho Sentare y’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko EAC Court of Justice washira ahabona itangazo rivuga ko Leta y’Uburundi yagirizwa gufata mu buryo budaciye mu mategeko ibidandazwa bitembera muri EAC kandi ko Uburundi buterezwa gutanga indishi y’akababaro ingana n’amafaranga ashika ku 20 000 USD( nk’amarundi ashika hafi 60 000 000 fbu).

Iyo sentare ikaba yamenyesheje ko ivyo bidandazwa vyafashwe mu buryo butari mu mategeko n’Uburundi ku wa 30 Mukakaro 2016. Iyo sentare ikaba ivuga ko hahonyanzwe amategeko agenga ibijanye n’uruja n’uruza rw’ibidandazwa mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Sentare ya EAC ikaba imenyesha ko ibihugu vyose bigize Afrika y’Ubuseeuko bikwiye kugendera ku mategeko agenga uruja n’uruza rw’ibidandazwa.

Mwokwibuka kandi ko iyo sentare ya EAC yasubiriye kwugurura urubanza rwo kwihweza ko ikiringo ca gatatu ca Pierre Nkurunziza ko coba carahonyanza amategeko hamwe no kwihweza nimba Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro y’Uburundi yoba yarahonyanze amategeko mu kwemeza ikiringo kindi ca Petero Nkurunziza.