Senegal Yamaze Gushikana Abasoda Bayo Ku Mupaka wa Gambia!!

0

Umuyobozi wo gutanga Amakuru mu Gisoda ca Senegal(DIRPA) yatangaje ko ibikorwa vyo kwinjiza abasoda muri Gambia vyatanguye kugira bumvishe kunguvu Umukuru w’Igihugu ca Gambia Yahya Jammeh Yanse kuva kubutegetsi inyuma yaho atsindiwe mumatora yo mukwezi guheze.

Umuyobozi wa DIRPA,M.Ndiaye,yamenyesheje ko “Umukuru w’Intwazangabo za Senegal ariwe azoyobora izo ngabo za Senegal”.

Umukuru wigihugu ca Gambia Yahya Jammeh

Izo ngabo za Senegal zikaba ziraye kumupaka wa Gambia mugihe vyitezwe ko ejo Umukuru w’Igihugu aheruka gutorwa Adama Barrow azorahira kugira atware ico Gihugu.

Umukuru wigihugu aheruka gutorwa ngo atware Gambia Adama Barrow

Mwiyindwi kandi na Nigeria yararungitse ubwato bwintambara kugira bufashe muri ico Gikorwa co gukura kubutegetsi Yahya Jammeh.

Ivyo biri uko mugihe Inama nshigamateka yaraye yongeje imisi 90 kukiringo ca Yahya Jammeh.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here