Sat b yagize ico avuga kubivugwa ko yoba yarahebanye numugore wiwe kandi kwasigaye ngwatamwitaho

0

Umuririmvyi akundwa nabatari bake ” Sat B ” nyuma yaho ikinyamakuru kimwe gikorera mu Burundi ” Ikirere.com ” gisohoreye inkuru ivuga ko uno muririmvyi yoba atacerekwa umukenyezi wiwe, UBM News twashimye kurondera uno muririmvyi kugira tumubaze muko bimeze.

sat b

Dusubiye inyuma gato muriyo nkuru yaciye murico kinyamakuru ( Ikirere ) bo bemeza neza ko Sat b hamwe numugore wiwe ko bisa naho vyoba bitifashe neza, ngumukenyezi wiwe ngw’aranegura akanidogera imyifato ngo y’umushingantahe wiwe(Sat b) we ngwavuga ko bisa n’uko yamutaye mu gihe atakimuha umwanya.

Ino nkuru nkuko yabandanya ibivuga, ngo uwo mupfasoni wiwe murino minsi ngwakaba yimirije kwibaruka ikibondo cabo kigira kabiri nk’uko biboneka, ngw’Ariko ngo sat b asa naho umenga ntaco bimutwaye mugihe umuryango wiwe ngo yawutaye aho i Bujumbura we ngo yigira i Kigali asiga umugore afise imbanyi kandi ikuze.

Kumatohoza ico kinyamakuru cakoze ngo casanze ngo Sat b umwaka woba ugira ukwire atakiringo c’amezi atatu aricara arikumwe n’umugore wiwe kuko ngo mukwezi kwa cumi na kabiri yari yagiye mu gihugu ca Kenya aho yamazeyo ukwezi kurenga aho yavuyeyo aje mu biteramo vy’ishirahamwe Ikoh Multiservice ashikira mw’i Hotel,akaba yavuye mw’i hotel aja mu gihugu c’Urwanda aho yari agiye gusohora indirimbo n’umurwi Urban Boyz yise urankirigita, Biheze ngo yaciye agaruka i Bujumbura naho nyene ashikira mwi hotel,inyuma y’iminsi mike niho yaca aja kwa Haruna uwahoze ari manager wiwe akongera akaba na nyene Ikoh naho nyene aramaraho iminsi itari mike.

sat

Munyuma niho ngo Sat b yatahuka kumugore wiwe Nelly ariko ngo naho ntiyahatevye kuko haciye haduka akajagari mu gisagara ca Bujumbura , we ngo yaciye aja mugihugu c’Urwanda aho ngo gushika n’uyu munsi ataragaruka kuraba umugore canke umwana kandi yabasize aho abona ko ibintu bitoroshe .

Nyuma yiyi nkuru, ubmnews.com nkuko twama tubikora buri munsi, twashimye kurondera uno muririmvyi tumubaza nimba ivyo bavuga ko ari ukuri canke kwari ukubesha aho mukiganiro yaduhaye yavuze ko ari ukumurenganya.

Sat b yagize ati : Nukuri kuriya n’ukundenganya cane kandi jewe sinomenya ivyo barimwo ariko uwabikoze afise impamvu, Jewe umugore wanje turibaniye neza kuba ntari mu gihugu iyo si ingorane eka ntaco abuze mugihe ndi ngaha kuronderera familly, Reke badedembe.

sat b wife

UBM News aho twamubaza icoba caramuteye kuja mu rwanda wenyene ariko agasiga umugore numwana afise imbanyi kandi azi ko ibintu bitifashe neza mu gihugu nimpamvu bitajanye, we yatwishuye ko ubufasha aribwo yagiye kurondera.

Kubwiwe ati : Reka n’amabanga ubufasha sibwo abuze kuko Ninabwo nagiye kurondera, Hano ndakora uko nkoze hariya niko bigenda neza eka si uko mva muhira bisaba kwipanga na none Imipango y’umuryango wanje ndayizi neza nkanayizirikana, Ivyo rero n’ibibazo vyabo bindi biyumvira, ariko ndababaza ” Harya wewe umugore n’umwana mwopfana inzara munzu bakagutanga gupfa ubona ?? Canke ukabata ugapfa bakubona uri umuntu w’umugabo ??? Canke uravyuka inkoko ukaja gushaka ico bafungura ??