Umuririmvyi rurangiranwa akunzwe cane n’abantu benshi ” Sat- B ” arababazwa n’abantu bamuca intege aho ngusanga bamurutisha naka canke ngugasanga bahengama muvyo bandika.
Ivyo rero akaba abivuze nyuma yaho hari ikinyamakuru kimwe gikorera mu Burundi citwa ” Kumwanya ” kimwandikiye cerekana nkaho umengo kirahengamye ndetse kinamurutisha uwundi muririmvyi bo batavuze izina.
Ikinyamakuru citwa” kumwanya ” cagize ati : Shalom murino misi sat b amanyama asigaye afise ararenze mukwibabura yibaza ko ariwe asigaye ari king wa buja flava, Kumwanya tuvyihweje dusanga umenga sivyo tukabona ko king ari wawundi adahinduka.
Sat B nyuma yaya majambo, we vyabonetse ko vyamubabaje cane ndetse ahitamwo nawe kugira ico ashikirije aho mumajambo make yagize ati : Ndahangaika mukurondera icotuma uburundi bugera ku ntambwe mu muziki kimwe bene wacu nibo banca intege dore ikinyamakuru gihengama nukuri mubimenye yuko ninater’imbere namwe muzoba muteye imbere reka kunc’intege mukundutisha naka canke naka …..vomera zose ntawuzi izizokwama kare weeh…. satura nyene niryo zina ryanje…… (kumwanya ) ukwo sukwubaka
Recent Comments