Umuririmvyi Sat B nkuko benshi basanzwe babizi n’umwe mubaririmvyi biyubaha,bakunzwe,bashoboye kandi b’ibihangange,ndetse akaba ari no mubaririmvyi basanzwe bafise imiryango batunze.
Sat B rero niryo zina yamamayeko ariko abavyeyi bamwise Aboubkar Saloum BIZIMANA,akaba yubatse kugeza ubu aracafise umugore umwe n’umwana umwe w’umwigeme yise BURUNDI Leilla,ivyo bikaba ari muri bimwe bamukundira kuba yoba afise umuryango atunze ndetse akanawitwararika hama mukuronderera inyungu z’urugo,akoresheje impano yahawe n’Imana akaba akora afise icizere ko umwanya n’umwanya ashobora gushika no kuntambwe iteye ubwoba bivanye n’uko abona ivyo ariko arashikako.
Sat-B mugiteramo aheruka gukorera ingozi ( March 8, 2015 )
Tubibutse ko uwo muririmvyi nyene Sat B asanzwe akorana cane n’ishirahamwe rikomeye rijejwe guteza imbere umuziki ndundi rizwi kukazina ka IKOH iryo shirahamwe nyene rikaba ryarasinye amasezerano n’uwo muririmvyi y’ikiringo kitaramenyekana ariko akaba avyishimiye cane akaba yarabahisemwo kwiyitw Ikoh Boy,bivanye nuko ubu atigenga ahubwo uwumukeneye aca m’uburongozi bwa Ikoh nkuko tubibwirwa n’uwusanzwe avugira Ikoh umumenyeshamakuru Nyandwi Rapha yamamaye kw’izina rya Dj Rapha akaba asanzwe akorera Radio na Television vya Salama.
Ivyo rero nivyo bituma umuririmvyi Sat B ndetse n’aba fani biwe babona ko ageze ku ntambwe iteye igomwe bikaba bikomejwe kuvuga ko vuba ariko aranitegurira urugendo ruzomushikana mu gihugu kitarashobora kumenyekana ngo akazoba agiye gukorana n’ibihangange bikomeye vyo murico gihugu nyene atarashima gushira kumugaragaro ndetse n’ibiteramo vy’akarorero bikazokorwa murico gihugu nyene.
Mukurangiza tubibutse ko uwo muririmvyi nyene hari haheze imisi itari mike ari mugacerere inyuma yo gukora igiteramo co kunezereza aba fani biwe yise Satura amabafle Concert,ngo ubu rero ntazogaragara mu biteramo vyinshi nkuko vyahora kiretse uwumukeneye agaheza agaca muburongozi bwa IKOH.
Recent Comments