Sat-b nawe yagaragaje aho ahagaze ku kiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza ” Soma ngaha urabe uko yavuze.

0

Umuririmvyi Sat-b asanzwe akunzwe mu Burundi, yashize amajambo ku rubuga rwiwe ngurukanabumenyi, aho yagira ati :« Harya vyose bijana n’ umwanya buretse ndakwibutse, Uburundi, Mwezi Gisabo yarabusize, Ntare Rushatsi yaragiye ,Mwambutsa yaragiye rero n’abandi bazobusiga, ukaba uri kumwe nanje andika uti BAZOBUSIGA. »

sat b

Mu kiganiro uwo muririmvyi asanzwe ari mu Rwanda aho ariko arangurira ibikorwa vyiwe yahaye ikinyamakuru kimwe gikorera mu Burundi ( IGIHE ) , we avuga ko ubwo butumwa ari ubw’umukuru w’igihugu ashaka kugira igihugu icibare ciwe. Sat-b abandanya avuga ingaruka z’amubayeko kubera ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, aho avuga ko ashaka kwiyongera kandi atabirekurirwa n’ibwirizwa nshingiro.

Avuga ko atacamubabaje nko guturira amaradiyo, kandi atahari umuziki nawo uca ubura isoko, aho naho umuryango wiwe ukicwa n’inzara. Amasezerano yose yari afise yaciye ahagarara kubera akajagari katewe n’ico kiringo ca gatatu. Avuga ko ata kintu kimubabaza nko kwitwa impunzi vyumvikana neza ko ari mu barundi benshi bahunze igihugu cabo, kandi babajwe n’ivy’ikiringo ca gatatu c’umukuru w,igihugu.

[youtube id=”2A6gx3YYy4g” align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]

Sat-b abandanya avuga ko ateye akamo umukuru w’igihugu muri aya majambo ; agira ati : « Umukuru w igihugu niyumvire ico abanyagihugu bashaka, harya twaramukunda cane , agaciro kiwe ntawari kukagaragaza no kugaturirira mu mapine, iyo areka gusa kwitoza, abizi gute ko naje ntari umwe mu bakunda uwo mugambwe ??? Ndetse n’ umukandida bari gutanga ko ntari kumutora ? »

Sat-b aheraheza avuga ko aho abandi babandanya basohora idirimbo ziyamiriza umukandida wa CNDD FDD, ariko akica amatwi, nawe agomba asohore indirimbo ihoza abanywanyi biwe kandi avugako ari benshi babangamiwe n’iki kiringo, mu ntumbero yo kubahoza.