Sat-B mu giteramo ciwe ca mbere muri uyu mwaka wa 2017

0

Inyuma yogushira ahabona Album yiwe Iwacu mumpera z’umwaka 2016, Sat-b Satllight yaje n’igiteramo ciwe cambere mu mwaka wa 2017 yitiriye ShowTime kikazobera kuri TreibekaHillTopTen iri muri zone ya Kinama
Sat b abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook akaba yararitse abakunzi b’umuziki ko bosidukana niyonka muri ico giteramo akavuga ko umuntu atazohashika azohomba vyinshi kuko ateguye ibintu bikomeye cane,indirimbo nshasha n’ibindi vyinshi

Tworangiza tubamenyesha ko ico giteramo gitegekanijwe kuba kw’igenekerezo rya 04 RUHUHUMA 2017 kuva igihe c’isaha cumi na zibiri zo kumugoroba ,ukwinjira namahera 3000.