Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeNewsSat-B Iyo aririmba muri final ya Primusic yari gusumvya Jose Chameleone ''...

Sat-B Iyo aririmba muri final ya Primusic yari gusumvya Jose Chameleone ” Impanvu yemeza ko yari kumurusha niyi hano !

Umuririmvyi SAT- B avuga ko yababajwe nokubona ataririmvye mu giteramo ca primusic cabaye ku wa gatandatu igenekerezo rya 30 Myandagaro aho hasozerwa ihiganwa rya Primusic . Ivyo yabivugiye mu kiganiro yahaye n’ abamenyeshamakuru, aho ninyuma yaho atemerewe kuririmba murico giteramo n’abagiteguye bakaba bamwagiriza gucererwa.

SAT- B yari asanzwe ari mu batumire b’iteka , avuga ko yacerewe bivanye n’imyiteguro yarimwo biraheza vyunyurwa na telephone yiwe yatakaye ivyatumye ngo adashobora kuvugana na batunganije ico giteramo kugira ababwire ivya mugoye kandi ashitse ahabera igiteremo avugako atorohewe mu kwinjira

Ikindi kitamushimishije nuko abandi bari baje kuremesha ico giteramo aha akavuga Big Fizzo na Jose CHAMELEONNE bobo ngo Brarudi yari yabategekanirije uburyo bwo kwiyunguruza ariko we ngo ntavyo bamutegekeranirije. Arababazwa kandi nukubona mugihe muminota 25 bari bamuhaye yacerewemwo 15 hama 10 yarisigaye ntibamwemerere kuyimuha ngo aryohere abari bahishikiye.

Kuberako ico giteremo yaramaze indwi yose acitegurira n’umugwi w ‘abatamvyi, SAT- B avuga ko ivyo yarigukora vyari gusumba ivyo Jose CHAMELE0NNE yerekanye. Kurivyo vyose vyabaye Sat B asaba ikigogwe abakunzi biwe bari bamurindiranye igishika akabemerere igiteramo kwa VYISI mu Kanyosha igenekerezo rya 5 Gitugutu ,ati ico utariye uba ucibikiye. Ariko rero abaririmvyi ba Barundi baribakwiye kwisubirako kuko ingeso yogucererwa mubiteramo yamaze kuba nka kamenyero.

Sources : Ingoma
.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments