Umuririmvyi abenshi bazi kw’izina rya SAT B aherutse gusinya amasezerano yo gukorana n’inzu yo guhinyanyura indirimbo no gufasha abaririmvyi ariyo Ikoh Multiservice.
SAT B n’umwe mu baririmvyi bibihangange mu Burundi, niwe wa mbere amaze gusinya amasezerano menshi yo gukorana n’amazu yo guhinyanyuriramwo indirimbo no gufasha abaririmvyi.
Sat B nkuko we yavyivugiye aho yariko aravuga ivyerekeye ano masezerano, we yagize ati : Ngerageje guharura indirimbo ya mbere nayisohoreye muri MRM ahakora umuhinyanyuzi Roméo hari mu mwaka wa 2003. Kuva ico gihe ni jewe niruka muri vyose kugira menyekanishe ibikorwa vyanje. Nari mu mwanya umwe (artist , manager , promotor ) wa jewe nyene, Koko nararuha cane ariko gucika intege nkabigira ikizira naho nahura nibibazo vyinshi…. Nyuma y’imyaka 14 ntanguye umuziki ubu niho ndonse management nziza imbereye,ibikorwa vyanje naraye ndabishize mumaboko ya IKOH . Hari vyinshi nakora kubushake bwo Kuryohera aba fans banje kumbure ntibizoba bigishoboka. Ingendo nshansha , intumbero nshasha. Ibisigaye muze mubibaze iKOH. Ndangije nsaba mudusengere muri runo rugendo tugiyemwo. Murakoze.
Recent Comments