Inyuma yo gukorera ibiteramo mu majepfo y’urwanda no mugisagara ca Kigali,Sat B yateguye ikindi giteramo mu gisagara ca Kigali.
Haraheze igihe umuririmvyi w’umurundi Sat B ari mu gihugu c’u Rwanda kubandaniriza ibikorwa vyiwe muri ico gihugu mu kurindira ko mu gisagara ca Bujumbura ibintu bisubira kuja mu buryo ace agaruka. Bizimana Aboubakar Karume, azwi cane mu muziki w’u Burundi nka Sat B arabananya ibiteramo vyiwe mu Rwanda bifise intumbero yo kumuhuza n’abafana biwe bakaryoherwa ari nako banasabira amahoro igihugu c’u Burundi.
Sat B yateguye ikindi gitaramo ku musi wa 6 igenekerezo rya 13 Ruheshi 2015 i Nyamirambo mu gisagara ca Kigali ahitwa kuri Sun City hotel. Uno muririmvyi aganira n’abamenyeshamakuru yavuze ati “ Nta mpamvu yo kwicara mu gihe nta bundi burwayi ufise. Twahisemwo umuziki niko kazi kacu niyo mpamvu ibibazo vya politike biri iwacu mu Burundi bitagomba kutubuza kubandanya. Ubu ndatumira abarundi n’abanyarwanda guteramana nanje kuri sun city hotel Nyamirambo ku musi wa 6 kuva isaha imwe y’ijoro.”
Tubibutse ko yaheruka gukora ibindi biteramo 2 kimwe citwa Amahoro iwacu cabaye kuwa 30 Rusama I Huye mu majepfo yu Rwanda ikindi naco cabaye ku wa 5 Ruheshi aho yari yatumiwe kuririmbira mu kabare kitwa Quelque Part I kigali arikumwe n’ umuraperi P Fla, ndetse na M 1 bo mu Rwanda mu giteramo ciswe Shadow Night.
Recent Comments